Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 10:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Abo bazomera nk’abahizi mu rugamba, basiribangira abansi babo mu vyondo vyo mu nzira; bazorwana, kuk’ Uhoraho ari kumwe na bo: kand’ abagendera ku mafarasi bazomāramāra.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 10:5
40 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze ndabasya, bacika nk’ umukungugu wo kw isi, Ndabasiribanga nk’umwavu wo ku nzira, ndabashwiragiza.


Maz’ isi iratigita, ihinda agashitsi, Amatanguriro y’ijuru aranyiganyiga, Atigitishwa n’uburake bgayo.


Arababarira, ati Ni mumukororere hasi. Nuko bamukororera hasi; amaraso yiwe atarukira ku nzu no ku mafarasi; aca arayamusiribangisha.


Maze ndabasya, bacika nk’ umukungugu utumurwa n’ umuyaga, Mbata nk’umwavu ku nzira.


Bamwe bizigira imikogote, abandi bizigira amafarasi, Ariko tweho tuzokwizigira izina ry’Uhoraho, Imana yacu.


Nta mwami akizwa n’ukw ari n’ingabo nyinshi, Umuhizi ntarokorwa n’inkomezi ziwe nyinshi.


Ni wewe uzoduha kwirenza abansi bacu: Izina ryawe ni ryo rizoduha gusiribanga abadukūriye hasi.


Wa muhizi we, ambara inkota yawe kw itako, Ambara ubgiza bgawe n’icubahiro cawe.


Nzomutuma gutera ihanga rikora ibizira, kand’ ubgoko ndakiye nzomugera kubunyaga, agigimvye inyagano, abasiribangire hasi nk’ivyondo vyo mu nzira.


Kuk’ ukuboko kw’Uhoraho kuri kur’ uyu musozi, ariko Mowabu hazohonyangirwa ahantu haho, nk’ukw ivyatsi bihonyangirwa mu kiziba c’amaganga.


Bazobona ibara, abamanuka baja muri Egiputa gutabaza, bakishimira amafarasi, bakizigira imikogote ikwegwa n’ amafarasi kukw ari myinshi, bo n’abagendera ku mafarasi kukw ar’ abanyenkomezi nyinshi, ariko ntibashire umutima ku Wera w’Abisirayeli, kandi ntibarondere Uhoraho.


Abaguhāririza uzobarondera, ubabure, kand’ abakurwanya bazocika ubusa, bakamangane.


Nahagurukije umuntu avuye i burārūko, kand’ araje; uwambaza izina ryanje avuye i burasirazuba: azokāta abaganza nk’ūkāta urwondo, canke nk’uk’ umubumvyi akāta ibumba.


Ni mukorane, mwa mahanga mwe: ariko muzovunagurika; tega amatwi, mwebge mwese bo mu bihugu vya kure: mukenyere, ariko muzovunagurika! Mukenyere, ariko muzovunagurika!


Ico gihe uzoza uvuye i wawe ahahera i burārūko, mwe n’amahanga menshi muzananye, bose bagendera ku mafarasi, ar’ igitero kinini n’ingabo nyinshi;


uw’ umuheto ntazoshobora guhagarara, n’impayamaguru ntizoshobora kwikiza, cank’ ūgendera kw ifarasi:


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza.


Maz’ umwansi wanje azobirāba, yicwe n’isoni, uwahora ambgira, at’ Uhoraho Imana yawe iri hehe? Amaso yanje azomwibonera, igihe azosiribangwa nk’ ivyondo vyo mu nzira.


kandi nzokwubika ingoma z’abami, mpenebereze ububasha bg’ubgami bg’amahanga; nzokwubika imikogote y’intambara n’abayigenderamwo, kand’ amafarasi azogwaho, bo n’abayagenderako, umuntu wese agwe yishwe n’inkota ya mugenzi we.


Kur’ uwo musi, ni k’Uhoraho agize, nzogwisha igihūmura ifarasi yose, kand’ ūri kuri yo nzomutēza ibisazi. Nzosubiza amaso ku nzu ya Yuda, kand’ ifarasi yose y’amahanga nzoyitēza uruhumyi.


Kur’ uwo musi Uhoraho azokīranira ababa i Yerusalemu; umunyantege nke wo muri bo kur’ uwo musi azomera nka Dawidi; kand’ inzu ya Dawidi izomera nk’Imana, nk’ umumarayika w’Uhoraho ar’ imbere yabo.


Kur’ uwo musi Uhoraho azobaca umuhongo w’akaburarugero; maz’ umuntu wese asūmire ukuboko mugenzi we, abangure ukuboko arwane na mugenzi we.


Maz’ Uhoraho azokwisidukira, arwane n’ayo mahanga, nk’uko yahora arwana mu ntambara.


Kuko mfoye Buyuda nk’umuheto, Efurayimu ndamushize mu ruge; kand’ abana bawe, Siyoni we, nzobateranya n’abana bawe Bugiriki we; nzoguhindura nk’inkota y’umuhizi.


mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.


Umugeragezi aza kuri we, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira aya mabuye acike imitsima.


Arababaza, ati N’ibiki? Baramwishura, bati N’ivya Yesu Umunyanazareti, yar’ umuntu avugishwa n’Imana, akaba umunyabushobozi bginshi mu vyo yakora no mu vyo yavuga, imbere y’Imana n’imbere y’abantu bose:


Maz’ Umuyuda yitwa Apolo, amamo yiwe ni muri Alekisanderiya, yar’ umuntu w’ubgenge, ashika muri Efeso; yar’ umunyabushobozi mu vyanditswe.


Mose yigishwa ubgenge bgose bg’Abanyegiputa, agira ubushobozi mu majambo yiwe no mu bikorwa vyiwe.


kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingūra akarimbi,


Ni mwaja mu ntambara kurwanya abansi banyu, mukabona amafarasi n’imikogote n’ abantu babaruta ubginshi, ntimuze mubatinye; kuk’ Uhoraho Imana yanyu yabakūye mu gihugu ca Egiputa azoba ari kumwe namwe.


Arik’ Umwami wacu ni we yampagarikiye, arandemesha, kugira ng’ ubutumwa buvugwe nanje butagabanije, abanyamahanga bose babgumve. Nuko mva mu menyo y’intambge.


narwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.


Kand’ uwo musi nta wigeze guhwana na wo, ari mu yawutanguriye canke mu yawuherukiye, ah’ Uhoraho yumvise gusaba kw’umuntu, kuk’ Uhoraho ari we yarwaniye Abisirayeli.


Nukw abo bami bose n’ibihugu vyabo Yosuwa yabaneshereje igihe kimwe, kuk’ Uhoraho, Imana y’ Abisirayeli, ari we yabarwaniye.


Mbona umumarayika ahagaze ku zuba; asemerera n’ijwi rirenga, abarira ibisīga vyose biguruka vyātiriye ijuru, ati Ni muze mukoranire amazimano menshi y’Imana,


Umuhungu umwe w’umusore aramwishura, ati Nabonye umuhungu wa Isayi w’i Betelehemu, n’umucuraranzi w’umuhinga, n’ umuhizi w’inkomezi kand’ arazi kurwana, aritonda mu vyo avuga, n’umuntu w’igikundiro, kand’ Uhoraho ari kumwe na we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ