Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 10:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Muri Yuda hazokomōka ibuye rigumya imfuruka, muri we hazokomōka urumambo rugumya ihema; muri we hazokomōka umuheto w’intambara, kandi hamwe n’ivyo muri we hazokomōka umugabisha w’ ingabo wese.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 10:4
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ umuheto wiwe wama ubanze, Ari n’ubukuba mu maboko, Abihawe n’amaboko y’Inyenkomezi ya Yakobo, Ari yo Mwungere, Igitandara ca Isirayeli,


Ariko noneho mur’ aka kanya gatoya Uhoraho Imana yacu atweretse ikigongwe ciwe, adusigariza amasigarira, adushimangiye nk’umusumari Ahēra hiwe, kugira ngw akeshe amaso yacu, aduhēmbūre buhoro mu bugurano bgacu.


Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.


Abaganwa b’i Sowani bacitse ibipfu, n’abaganwa b’i Nofu barasutswe, ni bo bājimije Egiputa, kand’ ari bo buye rigumya imfuruka ry’amoko yaho.


ni co gitumye Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba itanguriro, ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane; kand’ uwizera ntazohutagiza.


akanwa kanje yakagize nk’inkota ikarishe, ampisha mu gitūtu c’ukuboko kwiwe; kandi yampinduye umwampi usennye, mu mutana wiwe ni ho anzigamira rwose.


Ehe ni jewe ndema umucuzi avuguta umuriro w’amakara, agakūramw’ ico kurwanisha kubg’ ubuhanga bgiwe; ariko kandi naremye umuranduzi wo kugeseza na we.


Kuko rāba, uyu musi nguhinduye igisagara cubakiwe inzitiro, nguhinduye n’inkingi y’icuma n’inzitiro z’imiringa, bitazotsindwa n’igihugu cose, canke n’abami b’i Buyuda, canke n’abaganwa baho, canke n’abaherezi baho, canke n’abantu bo mu gihugu.


Ni wewe nyundo yanje, n’ ibirwanishwa vyanje: ni wewe nzomenaguza amahanga; ni wewe nzogeseresha abami b’ibihugu;


Muri Efurayimu nzohaca imikogote, n’i Yerusalemu nzohaca amafarasi, kand’ imiheto y’intambara izocibga. Uyo azobgira amahanga ivy’ amahoro, kand’ ubgami bgiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre no kuri rwa Ruzi bushike ku mpera y’isi.


Ingoro yanje nzoyisagaza impande zose, ndayibuze igitero, kugira ngo ntihagire ūhaca aja irya cank’ agaruka, kugira ng’ uwabatwaza ituntu ntiyongere kubaca hagati: kuko noneho mvyiboneye n’amaso yanje.


Ati Ndamubona, ariko s’ubu nyene; Ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izokomōka muri Yakobo, Icumu ry’ubugabe rizosokoroka muri Isirayeli, Ritobekeranye aba Mowabu mu mvuridahita, Rimene umutwe aba Sheti bose.


Nuko ni mwinginge Nyen’ ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.


Arabitegereza, arababaza, ati None rer’ aya majambo yanditswe n’amaki, ngw Ibuye abubatsi bāgaye, Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka?


kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.


Nta musoda yikwegera mu vy’ubu bugingo, ngw az’ ahimbare uwamwandikiye ubusoda.


Kuko mu vyanditswe harimw’ aya majambo, ngo Rāba, ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe, riri n’igiciro, Kand’ ūryizera ntazomāramāzwa.


Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.


Maze Sauli aravuga, ati Ni mwīgire hano, mwese abakuru b’abantu, musuzume murābe icaha cakozwe uyu musi ic’ ari co.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ