Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uburake bganje buziriringiye abungere, kandi nzohana impfizi z’impene: kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo aje kugendera umukuku wiwe, ni wo nzu ya Yuda, kand’ azobahindura nk’ifarasi yiwe nziza yo mu ntambara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 10:3
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uko yumvise inzamba kwose iravuga, iti Ha ha ha ha! Kand’ ihemba intambara ikiri kure, N’uguhinda kw’abagabisha n’ akāyaga.


Abantu baca baremera: maze bumvise yuk’ Uhoraho yagendeye Abisirayeli, akabona amarushwa barimwo, bunamika amaso, barasenga.


Ifarasi itegurirwa umusi w’ intambara, Arik’ ukunesha kuva k’Uhoraho.


Ewe mukunzi wanje, nakugereranije N’ifarasi yo mu zikwega imikogote ya Farawo.


Nuko jewe Umwami Imana ni namara guheraheza ivyo nzogirira umusozi Siyoni n’i Yerusalemu vyose, nzoca mpana umutima w’ubgibone w’umwami w’i Ashuri, n’ubugabo bgo mu maso hiwe arābana agakēngērwe.


Maze kur’ uwo musi Uhoraho azohana ingabo zo hejuru mw ijuru, n’abami bo hasi mw isi.


Kukw abungere bācitse ibiyingiyingi, ntibagīsha Uhoraho inama: ni co cababujije kumererwa neza, kand’ imikuku yabo yose yarasābagiye.


uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize rero, at’ Ehe nzobāzira: imisore yabo izokwicwa n’inkota; abahungu babo n’abakobga babo bazokwicwa n’inzara;


Hanyuma y’ivyo, iyo myaka mirongwirindwi ishize, nzohana umwami w’i Babuloni bo n’iryo hanga, ni jewe Uhoraho mbivuze, mbahōre ukugabitanya kwabo; nzohana n’igihugu c’Abakaludaya, ngihindure amatongo gushitsa ibihe vyose.


Muboroge, mwa bungere, murire; mwitembagaze mu minyota, yemwe ba kizigenza mu mukuku: kukw igihe co kubāgwa kwanyu gishitse rwose; nzobasāvya, mukoroke nk’ikarabo riteye igomwe.


Abantu banje bābaye intama zizimiye; abungere babo bārabajimije, bābahubirije ku misozi: bāva ku musozi baja ku wundi, bibagiye uburuhukiro bgabo.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba jewe, jewe ubganje, ndīgīriye kurondera intama zanje, ndazibariritse.


Nk’ uk’ umwungere abariritsa umukuku wiwe mu gihe ari mu ntama ziwe zāsābagiriye kure, ni ko nanje nzobariritsa intama zanje; nzozikiza ndazikūre ahantu hose zāsābagiriye ku musi wo gufurangana w’ubgirakabiri.


riti Mwana w’umuntu, būrira abungere baragira Abisirayeli, ubabūrire, ubgire abo bungere, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Bazobona ibara, abungere b’Abisirayeli bīragira ubgabo! Mbeg’ abungere ntibāri bakwiye kuragira intama?


Abakora ibibi vyo kurwanya isezerano azobazimirisha akarimi keza; arikw abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore ibikomeye.


Maze kur’ uwo musi w’ikimazi canje jewe Uhoraho, nzohana abaganwa n’abana b’umwami, n’abambaye imyambaro y’inyamahanga.


Kand’ ivyo biyaya bizoba ivy’ amasigarira y’inzu ya Yuda; ni ho bazoragira; bgije biryamire mu mazu yo muri Ashikeloni; kuk’ Uhoraho Imana yabo azobagendera, ngw agarukane abajanywe ar’ inyagano.


Azobona ibara, uwo mwungere w’imburakimazi ata umukuku! Inkota izomukubita ku kuboko, no ku jisho ry’i buryo: ukuboko kwiwe kuzonyunyuka rwose, kand’ ijisho ryiwe ry’i buryo rizohuma agahenebere.


at’ Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli, Kukw igendeye abantu bayo, ikabacungura;


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


Bukeye avana hasi n’abakazana biwe, kugira ngw ave mu gihugu c’i Mowabu asubire i wabo: kuko yari yumvise ari mu gihugu c’i Mowabu yuk’ Uhoraho yagendeye abantu biwe, akabaha ivyo kurya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ