Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 10:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kukw ibigirwamana vyitwa terafimu bivuga ubusa, n’abapfumu bakaragura ibinyoma; bavōvōta inzozi z’ibihumbagurano, bakaremeshereza abantu ubusa: ni co gituma abantu bazimira nk’intama, bakagorwa, kuko batagira umwungere.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 10:2
44 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Labani yari yagiye gukemuza intama ziwe; nuko Rakeli yiba ibigirwamana vya se.


Aramwishura, ati Mbonye Abisirayeli bose basābagiye ku misozi nk’intama zitagira umwungere; kand’ Uhoraho agize ngo Bariya n’abatagira shebuja; ni basubire i wabo, umuntu wese yīgīre amahoro.


Ariko mwebge mur’ abarementanya ibinyoma; Mwese mur’ abavūzi b’imburakimazi.


None rero n’iki gituma munyirurisha ivy’ ubusa? Ibisigaye mu vyo munyishura n’ibinyoma bisa!


Rāba bose ibikorwa vyabo nta co birimwo kandi n’ubusa gusa: ibishushanyo vyabo vyāvugutiwe mu nkero ni bga muyaga kandi n’ubusa.


Indagu z’abanyabinyoma ndazihindura ubusa, abapfumu nkabatēza ibisazi, nsubiza inyuma abanyabgenge, ubgenge bgabo nkabuhindura ubupfu.


Abaryohora ibishushanyo bibājwe bose n’ubusa; n’ ibintu vyabo vy’igikundiro nta co bizomara, n’ivyabona vyabo ubgavyo nta co bibona, nta co bimenya; kugira ngo bamāramāre.


None rero mwongereranya na nde twongana? Kandi mwonshushanya na nde twosa?


Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.


Maze ndavuga, nti Yō! Erega Mwami Uhoraho, ba kamenyi bababgira, ngo nta ho bazobona inkota cank’ inzara, ariko ng’ uzobaha kugirira aha hantu amahoro y’ukuri.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Ntibahengeshanya kubarira abakēngēra ijambo ryanje, bat’ Uhoraho yavuze ngo Muzoba amahoro; kand’ umuntu wese agendera mu budadarare bg’umutima wiwe, baramubgira, bati Nta cago kizobazako.


Rāba, nzohigūra n’abarotora inzozi z’ibinyoma, ni jewe Uhoraho mbivuze, bakazisigura, bakazimirisha abantu banje ibinyoma vyabo n’ukwihayagiza kwabo kw’ ubusa: yamara jewe nta ho nabatumye, nta co nabageze; kandi nta co bazomarira ubu bgoko na gatoya, ni jewe Uhoraho mbivuze.


kuko babaragurira ibinyoma, kugira ngo mwambukanwe kure y’igihugu canyu, no kugira ngo nanje ndakibirukanemwo, muhone.


Ntimuruhe mwumvira amagambo ya ba kamenyi bababarira, bati Ntimuzoruha musaba umwami w’i Babuloni: kuko babaragurira ibinyoma.


None rero mwebge, ntimuruhe mwumvira ba kamenyi banyu, cank’ abapfumu banyu, cank’ inzozi zanyu, cank’ abamenyi banyu, cank’ abarozi banyu, bababarira, bati Ntimuzoruha musaba umwami w’i Babuloni:


Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya aca abarira Hananiya kamenyi, ati Ni wumve, Hananiya: Uhoraho ntiyagutumye, ariko wizigiza ubu bgoko ivy’ ibinyoma.


Kuk’ ukw ari k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Ba kamenyi banyu baba muri mwebge n’abapfumu banyu ntibabahende, kandi ntimukumvire inzozi babarotera.


Ba kamenyi banyu bābabarira, ng’ Umwami w’i Babuloni ntazobatera canke ngw atere iki gihugu, bari hehe?


Abisirayeli n’intama zisābagiye; intambge zarabasanzaje: umwami w’i Ashuri ni we yabanje kubarotsa, ubuheruka Nebukadineza uyo, umwami w’i Babuloni, yabajanjaguye amagufa.


ni wewe nzomenaguza umwungere n’umukuku wiwe; ni wewe nzomenaguza umurimyi n’inka arimisha; ni wewe nzomenaguza abagabisha n’abaganza.


Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


Kandi bāvūye imirenzako igikomere ca wa mukobga ari bo bantu banje, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ ata mahoro ariho.


Ba kamenyi bawe bākurotoreye ivy’ ubusa n’ivy’ ubupfu; Kandi ntibāguseruriye ibigabitanyo vyawe, ngo ntuje mu kinyago: Ariko bākurotoreye imbūri z’ubusa, n’ibikuzanira gucibga.


Kuk’ umwami w’i Babuloni ahagaze mu mayirabiri, ah’ izo nzira zompi zishamikiye, kugira ngw araguze: azungagiza imyampi, akaraguza ibigirwamana vyitwa terafimu, agasuzuma igitigu.


bākuroteye inzozi z’ubusa, n’indagu z’ibinyoma, ngo ni wewe uzoyibangurira ku mazosi y’abanyakibi bākomerekejwe akagīrīre, abo umusi wabo washitseko, mu gihe giherahereza ibigabitanyo vyabo.


Nuko zirasābagira kukw ata mwungere; zihinduka ivyo kurya vy’ibikōko vyose vyo mw ishamba, zirasābagira.


ngo Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, n’ ukuri intama zanje ko zahindutse inyagano, zikaba ivyo kurya vy’ ibikōko vyose vyo mw ishamba, kubgo kutagira umwungere, kand’ abungere banje ntibarondere intama zanje, ariko bakīragira ubgabo, ntibaragire intama zanje;


Kukw Abisirayeli bazomara imisi myinshi ata mwami, ata n’ūganza, ata n’ikimazi batanga, ata n’inkingi y’ikigirwamana, ata n’umwambaro witwa efodi cank’ ibigirwamana vyitwa terafimu:


Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira hamwe nk’intama z’i Bosira; bazohūrīra nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo.


Igishushanyo kibājwe kimaze iki, vyotuma umubāji akibāza, cank’ igishushanyo kivugutiwe mu nkero kiragura ibinyoma, vyotuma uwakivugutiye acizigira, akironkera ibigirwamana vy’ibiragi?


Azobona ibara, uwo mwungere w’imburakimazi ata umukuku! Inkota izomukubita ku kuboko, no ku jisho ry’i buryo: ukuboko kwiwe kuzonyunyuka rwose, kand’ ijisho ryiwe ry’i buryo rizohuma agahenebere.


wo kubaja imbere amaja n’ amaza, abaturutsa akabacūra: kugira ngw ishengero ryawe, Uhoraho, ryoye kumera nk’intama zitagira umwungere.


Abonye ishengero, rimutera akagongwe, kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere.


Avuye mu bgato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe kuko bameze nk’intama zitagira umwungere: atangura kubigisha vyinshi.


ico kimenyamenya cank’ ico gitangaza kigashika, ico yababariye, ati Ni cashika tuze tugendanire izindi mana, tuzisabe; kand’ ar’ imana mutigeze kumenya;


Maze ba bandi ukw ari batanu bāri baragiye gutata igihugu c’i Layishi, babgira bagenzi babo, bati Harya murazi ko mur’ uru rugo harimwo efodi na terafimu n’igishushanyo kibājwe n’igishushanyo kivugutiye mu nkero? None rero ni mwiyumvire ico mwokora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ