12 Nzobaha gukomezwa nanje Uhoraho, na bo bazogendagendera mw izina ryanje, ni k’Uhoraho agize.
Aranyishura, at’ Uhoraho, nama ngendera imbere, azotuma umumarayika wiwe ajane nawe, azoha urugendo rwawe umugisha; maze nawe uz’ usabire umwana wanje umugeni muri bene wacu, mu b’ inzu ya data.
Kandi Henoki yagendana n’Imana: araheza ntiyaba akiboneka, kukw Imana imujanye.
Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho.
ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.
Uhoraho, muri we honyene ni ho har’ ukugororoka n’inkomezi, ni ko bazomvuga; kuri we ni ho abantu bazoza; kand’ abamurakiye bose bazotētērwa.
Maz’ amaboko y’ umwami w’i Babuloni nzoyakomeza, inkota yanje ndayishire mu kuboko kwiwe; arikw amaboko ya Farawo nzoyavuna, kand’ azonihira imbere yiwe umuniho nk’uw’ ūkomeretse uruguma rw’intakira.
Kukw ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw izina ry’Uhoraho Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.
Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.
Abatware b’ Abayuda bazokwibgira mu mitima, bat’ Ababa muri Yerusalemu ni bo nkomezi zacu, kuko bafise Uhoraho Nyen’ ingabo kw Imana yabo.
Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.
Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.
Nuko nk’uko mwākiriye Kristo Yesu Umwami wacu, abe ari ko mugendera muri we,
Kand’ ivyo muzokora vyose, mu majambo no mu bikorwa, muhore mubikora vyose mw izina ry’Umwami Yesu, mushima Imana Data wa twese kubg’ uwo.
kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Imana, ibahamagarira kuja mu bgami bgayo no mu bgiza bgayo.
Nuko bene Data, ibisigaye, turabinginga tubahanūra mu Mwami Yesu, nk’uko mwize kuri twebge ingene mukwiye kugenda no kunezereza Imana (kandi ni ko mugenda), murushirize cane kugenza murtyo.
Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,