Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 10:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Azoca mu kiyaga kigoye, akubite imipfunda yo mu kiyaga, kand’ uruzi rwa Nili muri nyina hose hazokama: ubgibone bga Ashuri buzocishwa bugufi, n’icumu ry’ umwami wa Egiputa rizovaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 10:11
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana yibuka Nowa n’ibifise ubugingo vyose, n’ibitungano vyose vyari kumwe na we mu bgato: Imana ihūhīsha umuyaga kw isi, amazi atangura kugabanuka.


Yābīra wa mutamana wakorokanye Eliya, awukubitisha amazi, aravuga, at’ Uhoraho, Imana ya Eliya, ari hehe? Amaze gukubita amazi, aca yigabanyamwo kubiri, amwe aja ukwayo ayandi ukwayo; nuko Elisa arajabuka.


Maze Eliya yābīra umutamana wiwe, arawuzinga, awukubitisha amazi, aca yigabanyamwo kubiri, amwe aja ukwayo ayandi ukwayo, nuko bompi bajabukira ahūmūtse.


bagira imisi mikuru ndwi y’imitsima itambiwe banezerewe, kuk’ Uhoraho yabanejereje, kand’ agahindurira umutima w’umwami w’i Ashuri kuri bo, ngw abunganire mu gukora igikorwa c’ingoro y’Imana, ari yo Mana y’Abisirayeli.


Ikiyaga kibibonye kirahunga, Yorodani rusubizwa inyuma.


Ubaye iki ga wa kiyaga, k’uhunze? Nawe, Yorodani, k’usubiye inyuma?


nzovunagurira Abashuri mu gihugu canje, kandi nzobasiribangira mu misozi yanje miremire: ni ho ingōgo yiwe izobavako, n’imitwaro yabakorera ibave ku bitugu.


Kur’ uwo musi Egiputa hazocika bga bagore: hazohinda agashitsi hatinye, kubg’ ugushongongeza ukuboko kw’Uhoraho Nyen’ ingabo, ahashongongereza.


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


Mbarira idamba, nti Kama, kandi nzokamya inzūzi zikujamwo;


Si wewe wakamije ikiyaga, amazi maremare yo mw idamba; ugahindura i bgina bgo mu kiyaga kuba inzira ngw abācunguwe bayicemwo?


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi, ewe wa kuboko kw’ Uhoraho; ikangure nko mu misi ya kera, nko ku runganwe rw’ibihe vyashize, uko rwagenda rukurikirana. Mbega si wewe wahimbaguye Rahabu, ugasogota ca gisato c’amahēro?


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ibigirwamana na vyo nzobihonnya, kandi nzoherengeteza ibishushanyo muri Nofu; nta muganwa azosubira kuboneka mu gihugu ca Egiputa; kandi nzoshira ibiteye ubgoba mu gihugu ca Egiputa.


Kand’ azobangurira ukuboko kwiwe i burārūko, ageseze Ashuri; Ninewe ahahindure amatongo, hume nk’ikigatwa.


Uwa gatandatu asuka urwavya rwiwe mu ruzi runini Efurate. Amazi yarwo arakama, kugira ngw inzira y’abami bava i burasirazuba yitegurwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ