Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Uhoraho abe ari we musaba imvura ngw igwe mu gihe c’itasura, muyisabe Uhoraho arema imiravyo; na we azobaha imvura y’umuvuvu, umuntu wese amumereze imirima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 10:1
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Kandi bānyitega nk’abiteze imvura, Bakāsama cane, nk’abāsamira imvura y’urushana.


Imisozi uyirekurirakw imvura ivuye ku nsenge zawe, Isi ihāzwa n’ibivuye mu bikorwa vyawe.


Arandisha ibipfungu bikava ku mpera y’isi; Imvura ayiremera imiravyo; Asokorora umuyaga mu bushinguro bgiwe.


Ugendera isi, ukayirekurira imvura, Uyitungisha cane; Uruzi rw’Imana rwuzuye amazi; Ni wewe wereza abantu impeke, umaze kuhatunganya urtyo.


Azomanuka nk’imvura igwa ku vyatsi bitemwe, Nk’imvura y’umuvuvu itosa isi.


Mu nyonga h’umwami iyo hakeye haba ubugingo, Kandi gutonesha kwiwe ni nk’igicu kigwa imvura y’ agatāsi.


Kand’ azorekurira imvura imbuto muzobiba mu ndimiro, kand’ imihure ivuye mu ndimiro izoba inovereye yo gutunga amagara: ico gihe imikuku yanyu izorisha ivyanya binini.


Kuko nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe:


kandi ndaruririke; ntiruzotuturirwa, ntiruzorimirirwa, ariko ruzomeramw’ imikere n’amahwa; kandi nzobuza ibicu vyoye kurugwishakw imvura.


iy’ ishize ijwi hejuru haba gusūma kw’amazi yo hejuru; irandisha ibipfungu bikava ku mpera y’isi; iremera imvura imiravyo, kand’ isokorora umuyaga mu bubīko bgayo.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Nta ho bīvuganya mu mitima, bat’ Enda twubahe Uhoraho Imana yacu, ni yo iduha imvura y’agatāsi n’iy’ urushana, nk’ukw ibihe bihaye ibindi; ni yo itugerera amayinga yashinzwe yo kwimburiramwo.


iy’ ishize ijwi hejuru haba gusūma kw’ amazi yo hejuru; irandisha ibipfungu bikava ku mpera y’isi; iremera imvura imiravyo, kand’ isokorora umuyaga mu bubīko bgayo.


Nzoziha umugisha hamwe n’uturambi duherereye ku musozi wanje; kandi nzorekura imvura mu gihe cayo; hazogwa imvura ihesha umugisha.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ab’ inzu ya Isirayeli bazosubira kunsigūza ivyo, kugira ngo mbibakorere: nzobagwiriza abantu nk’umukuku.


Mubibe mugendereye ukugororoka, mubone kwimbura nk’ukw imbabazi ziri; mumene imishike yanyu; kukw igihe kigeze co kurondera Uhoraho, gushitsa ah’ azozira, akabarekurira imvura y’ubugororotsi.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Ikindi nabimye imvura, mukiyigomba amezi atatu ngo mubone kwimbura; narekuriye imvura mu gisagara kimwe, mu kindi ndayibuza: hamwe ikahagwa, ahandi ntihagwe, hakūma.


Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu.


Kur’ uwo musi nta na kimwe muzombaza. N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw izina ryanje.


Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije.


Ijuru ryo hejuru yanyu rizomera nk’umuringa, n’isi muhagazeko ibe nk’icuma.


Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’ Umwami Yesu azozira. Eh’ umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’ izoronkera imvura y’agatāsi n’iy’ urushana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ