Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Zekariya aravuga, ati Mw ijoro nagize ntya, mbona umuntu agendera kw ifarasi y’akagajo, ahagaze hagati y’ibiti vy’imihadasi vyo mu gasōko; kand’ inyuma yiwe hār’ amafarasi y’utugajo n’ay’ utunyomvyi n’ay’ ibitare.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 1:8
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko mw ijoro Imana ibonekera Abimeleki mu nzozi, iramubarira, it’ Urapfuye, kubg’ uwo mugore watwaye: kukw afise ina we.


Maze mw ijoro Imana ihamagara Isirayeli ari nko mu nzozi, iti Yakobo we! ewe Yakobo! Aritaba, ati Sabge!


Kandi Salomo akir’ i Gibeyoni, Uhoraho amwiyerekera mu nzozi mw ijoro. Nukw Imana iramubarira, iti Nsaba ico ugomba, ndakiguhe.


kandi ko bazotāngāza ayo majambo mu bisagara vyose no muri Yerusalemu, ngo Ni mugende ku misozi muce amashami y’ibiti vya elayo n’ay’ ibijābija vya elayo nyene, n’ay’ imihadasi n’ay’ ibigazi, n’ay’ ibindi biti vyose bizitanye, kugira ngo muce insāgo nk’uko vyanditswe.


Nciyumvira ivyiyumviro bivuye mw iravūta ryo mw ijoro, Igihe itiro ryinshi ritwaye abantu,


Umukunzi wanje n’uwanje nanje nd’uwiwe, Aragira mu birungu.


Umukunzi wanje yamanutse aja mu murima wiwe, mu turima tw’imbazi, Kuragira mu matongo, no guca ibirungu.


Mu bugaragwa nzohatera ibiti vy’amasederi n’ivy’ imishita n’ivy’ imihadasi n’ivya elayo; kandi mu gahinga nzohashira ibiti vy’akajwari n’ivy’ imitidari n’ivy’ imiteyashuri bikurane;


Mu gishingo c’umubambangwe hazomera igiti c’umuberoshi, mu c’umukēre hazomera ic’ umuhadasi: bizozanira Uhoraho izina ry’iritāzīrano, ikimenyetso kitazoshira, kitazokūrwaho.


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Nuko Daniyeli ahishurirwa ayo mabanga, avyerekwa nko mu nzozi mw ijoro. Maze Daniyeli atazira Imana yo mw ijuru.


Kandi mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya mbona haje uwusa n’Umwana w’umuntu, azananye n’ibicu vyo kw ijuru, aza kuri wa Wundi wa mbere na mbere, baramumushikiriza.


Nuko Daniyeli aravuga, ati Mu vyo neretswe mw ijoro, nagize ntya, mbona imiyaga ine yo mu kirēre isenyeranira ku kiyaga kinini.


Maze wa wundi yar’ ahagaze hagati y’imihadasi aravuga, at’ Abo n’abo Uhoraho yatumye kugendagenda mw isi yose.


Bishura umumarayika w’Uhoraho yar’ ahagaze hagati y’imihadasi, bati Tugendagenze mw isi, kandi rāba, isi yose iratekereje, ifise impore.


Ku musi wa mirongwibiri na kane wo mu kwezi kw’icumi na rimwe, ni kwo kwezi kwitwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’ Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana;


Ikangure, wa nkota we, urwanye umwungere wanje, urwanye umuntu mugenzanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kubita umwungere, intama zisanzare; kandi n’imyagazi nzoyihindurirak’ ukuboko kwanje.


Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.


Maze Yosuwa ari hafi y’i Yeriko, agize ngw arunamura amaso, abona umuntu imbere yiwe, yāsokōye inkota, ayifashe mu ntoke. Yosuwa aramwēgēra, aramubaza, ati Mbeg’ ur’ ūje ku ruhande rwacu, canke ku rw’abansi bacu?


Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,


Mbona ifarasi y’igitare, kand’ ūyicayeko yar’ afise umuheto, ahabga igitsibo, agenda anesha, kandi ngo yame anesha.


Haza iyindi farasi y’akagajo, ūyicayeko ahabga gukūra amahoro mw isi, ngo bicane: kand’ ahabga inkota ndende.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ