Zekariya 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)4 Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza twamye dukora ibidutsinda vyinshi cane, gushitsa na bugingo n’ubu; kand’ ibigabitanyo vyacu ni vyo vyatumye twe n’abami bacu n’ abaherezi bacu tugaburwa mu maboko y’abami bo mu bindi bihugu, tukagenda twicwa n’ inkota, tukajanwa tur’ imbohe, tukanyagwa utwacu, tukaba ibimāramāre nk’uko bimeze uyu musi.
Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.