Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 1:4
55 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw intumwa zijana ivyete bivuye ku mwami n’abaganwa biwe, zibikwiza mu Bgisirayeli hose no mu Buyuda, zivuga nk’uk’ umwami yashinze, ziti Yemwe Bisirayeli, ni mugaruke k’Uhoraho Imana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, kugira ngo na we agaruke kuri mwebge abasigaye barokotse abami b’i Ashuri.


Ngo Kandi ntimuse na ba sogokuruza banyu, cank’ abandi b’i wanyu bāgenda bacumura k’Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bigatuma ibatanga bakagesezwa, nk’uko namwe mubibona.


ati Ni mugende munsigurize Uhoraho, twe n’amasigarira yo mu Bisirayeli no mu Bayuda, ivy’ amajambo yo mur’ ico gitabo batoye; kuk’ uburake bg’Uhoraho budusutsweko ari bginshi, kubga ba sogokuruza batumviye ijambo ry’Uhoraho, ngo bakore ivyanditswe mur’ iki gitabo vyose.


Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza twamye dukora ibidutsinda vyinshi cane, gushitsa na bugingo n’ubu; kand’ ibigabitanyo vyacu ni vyo vyatumye twe n’abami bacu n’ abaherezi bacu tugaburwa mu maboko y’abami bo mu bindi bihugu, tukagenda twicwa n’ inkota, tukajanwa tur’ imbohe, tukanyagwa utwacu, tukaba ibimāramāre nk’uko bimeze uyu musi.


Ariko ba sogokuruza bacu babaye intahetwa, bagamika amazosi, ntibumvira amabgirizwa yawe;


Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.


Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


Boye kuba nka ba sekuruza, Rwa runganwe rw’ibigāba kandi rw’abagarariji, Urunganwe rw’abatitunganiriza imitima, Imitima yabo itayoboka Imana.


Yemwe Bisirayeli, ni muhindukirire uwo mwagararije ruhebga.


Nuko rer’ ubarire abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ehe mbagereye ikibi, nīgīriye imigabo y’ivyo nzobagirira: enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye inzira zanyu n’ ingeso zanyu.


Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.


None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ko mutumviye amajambo yanje,


ngo mwumvire amajambo y’ abasavyi biwe avugisha, abo abatumako, mber’ akāma azindurwa no kubatuma, mukanka kubumvira,


Genda uvuge aya majambo werekeye i burārūko, uti Garuka, yewe Isirayeli Inamusubiranyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze. Sinzokurābana ishavu, kuko nd’ umunyembabazi, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi sinzokwamana uburake imisi yose.


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko jewe nd’ umugabo wanyu; kandi nzobagarukana i Siyoni, umwe ndamukūye mu gisagara kimwe, babiri mu muryango umwe;


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


Namb’ ugomba guhindukira, ewe Isirayeli, ni jewe ukwiye guhindukirira, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi ni wakūrah’ ivyo ukora vy’ubuyobe mu nyonga zanje, nuko nawe ntuzokūrwaho;


bati Ku vy’ijambo utubariye mw izina ry’Uhoraho ntitukwumvira.


Nuko rero barira inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ni mugaruke, mutere ibitugu ibigirwamana vyanyu, mukūre amaso yanyu ku bizira vyanyu vyose.


Maze nabaririye abana babo mu bugaragwa, nti Ntimukagendere mu mabgirizwa ya ba so, kandi ntimukitondere ivyagezwe vyabo, canke ngo mwihumanishe ibigirwamana vyabo.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


nuk’ uwokwumva ijwi ry’inzamba wese, agakina ku mbūri, inkota ikaza, ikamugahura, amaraso yiwe azoba ku mutwe wiwe ubgiwe.


Ntitwumviye abasavyi bawe, ari bo bavugishwa nawe, bāvuga mw izina ryawe babarira abami bacu n’abaganwa bacu na ba sogokuruza bacu n’abantu bose bo mu gihugu.


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Arikw imanza ziroranye, reka zisendanishe nk’amazi, n’ukugororoka gusendanishe nk’ uruzi rudahōka.


Bavuga, ngo Ntimukavugishwe! Bati Ntihaze hagire abavugishwa ben’ ivyo! Yamar’ ibimāramāza ntibizovaho.


Kubg’ ivyo uz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mungarukeko, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Mbega ntimwari mukwiye kwumva amajambo Uhoraho yavugiye mu bāvugishwa na we ba kera, hamwe Yerusalemu hāri hagitūritse, hakir’ amahoro, bo n’ibisagara vyaho bihakikije, kand’ igihugu c’i bumanuko no mu biyaya na vyo bigitūritse?


Ariko nabanje kubgira ab’i Damasiko hanyuma ab’i Yerusalemu, n’abo mu gihugu cose c’i Yudaya, n’abanyamahanga na bo, yuko bakwiye kwihana, no guhindukirira Imana, bakore ibikorwa bikwiranye n’ukwihana.


Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,


Muzi yukw ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sogokuruza atar’ ibishira, nk’ifeza cank’ izahabu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ