Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kubg’ ivyo uz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mungarukeko, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 1:3
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

aja gusanganira Asa, aramubarira, ati Ni muntege amatwi, yewe Asa, mwe n’Abayuda n’Ababenyamini mwese: Uhoraho azokomeza kubana namwe ni mwakomeza kubana na we, kandi ni mwamurondera muzomubona; ariko ni mwamuheba na we azobaheba.


Ariko bashitsweko n’ ivyago, bahindukirira Uhoraho Imana y’Abisirayeli, baramurondera, baramubona.


Yamara ngo babone impore, bagasubira gukorera ibibi imbere yawe, nawe ukongera kubagabura mu maboko y’abansi babo bakabaganza. Mugabo, basubiye kugutakambira ukabumva uri mw ijuru, ukabarokora ibihe n’ibihe kubg’ imbabazi zawe.


Ni wagaruka kw Īshobora vyose, Ugashira ukugabitanya kure y’urugo rwawe, uzokomezwa.


Yemwe Bisirayeli, ni muhindukirire uwo mwagararije ruhebga.


Neyuye ibicumuro vyawe nk’igicu gitwaye intunda, n’ivyaha vyawe nk’igicu: garuka kuri jewe, kuko nagucunguye.


Hanyuma mmaze kubashika nzohindukira mbagirire ikigongwe; kandi nzobagarukana, umuntu wese asubire mw ishamvu yiwe, umuntu wese asubire mu gihugu cabo.


at’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, muve mu bubi bg’ibikorwa vyanyu, ni ho muzokwibera mu gihugu Uhoraho yabahānye na ba sogokuruza, uhereye kera ugashitsa ibihe bitazoshira.


Baravuga, bat’ Umuntu ni yirukana umugore wiwe bakavana, akābīrwa n’uwundi mugabo, mbeg’ uwo mugabo wiwe yosubira kumugarukana ukundi? Mbega n’igihugu nyene nticoba cononekaye? Nawe wīgize maraya ku būzure batari bake; non’ ugira ngo wongarukako? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Garuka, mwa bantu basubiye inyuma, nzoharira ugusubira inyuma kwanyu. Ehe tukugarutseko, kukw ari wewe Uhoraho Imana yacu.


Kandi nabatumyekw abasavyi banje bose abo navugisha, nama nzindurwa no kubatuma, nt’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, mutunganye ibikorwa vyanyu, mwoye gukurikira izindi mana ngo muzigendanire; nti Ni ho muzobona kwibera mu gihugu nabahaye, mwe na ba sogokuruza: ariko ntimwateze ugutwi, canke ngo munyumvire.


Namb’ ugomba guhindukira, ewe Isirayeli, ni jewe ukwiye guhindukirira, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi ni wakūrah’ ivyo ukora vy’ubuyobe mu nyonga zanje, nuko nawe ntuzokūrwaho;


Yamara muravuga ng’ Umwana n’iki kimubujije kuzira ibigabitanyo vya se? Ereg’ umwana ni yakora ibitunganye n’ibikwiye, akitondera ivyagezwe vyanje vyose, akabishitsa, ntazobura kubaho.


Ni mute kure ibicumuro vyanyu vyose mwacumuye, mwironkere umutima musha n’impwemu nsha: n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Erega simpimbarwa n’ urupfu rw’ūpfuye, ni k’Umwami Uhoraho agize: nuko ni muhindukire, mubeho.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Ewe Isirayeli we, garuka k’Uhoraho Imana yawe; kuko wagwishijwe n’ibigabitanyo vyawe.


Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko.


Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.


Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga;


Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabgirizwa yanje, ntimuyitondere. Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. Yamara muravuga, muti Twogaruka mu buryo ki?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ