baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.
Ni co catumye mbarekurirak’ ubushangashirwe bganje, nkabamarisha umuriro w’uburake bganje: ingeso zabo nazibashubije ku mitwe, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Mbere bīkomantaje imitima imera nk’isare, ngo boye kwumva ivyagezwe n’amajambo Uhoraho Nyen’ ingabo yarungitse muri Mpwemu wiwe, ayavugira mu bavugishwa na we ba kera; ni co catumye uburake buhambaye buva k’Uhoraho Nyen’ ingabo.
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Nk’uko nagabiye kubagirira nabi, hamwe ba sogokuruza banyu bāndatsa, sinigarure, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize,
Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica: