Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 rit’ Uhoraho yarakiye cane ba sogokuruza banyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 1:2
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, igihe wumva ivyo yavuze kur’ aha hantu bo n’abahaba, ingene hazocika imisaka n’ikivume, ukitantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


Ariko na ho nyene Uhoraho ntiyahindukiye ngw areke uburake bgiwe bg’inkazi, kuk’ uburake bgiwe bgari buziriringiye Abayuda kubg’ ivyo Manase yakoze vyose, akamutera umwikomo.


None rero kw ivyo vyose bidushitseko, tukaba dutsinzwe n’ivyo twakoze vyinshi, tuzize ingeso zacu mbi, nawe Mana yacu ukaba utaduhannye igihano cari gikwiranye n’ibigabitanyo vyacu, kuk’ udushigarije amasigarira angana artya,


Mana, uradutaye, uradusambuye: Wararatse; n’udusubizemw’ intege.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


Ni co catumye ubushangashirwe bganje n’uburake bganje bisukwa bikadomekwa mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu; none har’ imisaka n’amatongo, nk’uko bir’ uyu musi.


Ba data bakoze ivyaha, kandi ntibakiriho; Natwe twasubiweko n’ibigabitanyo vyabo.


Ni co catumye mbarekurirak’ ubushangashirwe bganje, nkabamarisha umuriro w’uburake bganje: ingeso zabo nazibashubije ku mitwe, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’ uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza.


Kandi nshavuriye cane amahanga yidibamiye, kuko Yerusalemu nari mpashavuriye buhoro, maze bo bakahasonga.


Mbere bīkomantaje imitima imera nk’isare, ngo boye kwumva ivyagezwe n’amajambo Uhoraho Nyen’ ingabo yarungitse muri Mpwemu wiwe, ayavugira mu bavugishwa na we ba kera; ni co catumye uburake buhambaye buva k’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Nk’uko nagabiye kubagirira nabi, hamwe ba sogokuruza banyu bāndatsa, sinigarure, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize,


Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ