18 Maze nunamuye amaso mbona amahembe ane.
Maze Zedekiya mwene Kenayana yicurishiriza amahembe y’ivyuma, aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Aya mahembe ni yo uzokwirukanisha Abasiriya gushitsa baherengeteye.
Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.
Subira usemerere, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ngw Ibisagara vyanje bizokwongera kubōgabōga ivyiza; Uhoraho azokwongera kumara i Siyoni umubabaro, kand’ azokwongera kwirobanurira Yerusalemu.
Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Ivyo n’ibiki? Aranyishura, at’ Ayo ni yo mahembe yasābagije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu.
Maze nunamuye amaso mbona umuntu afise mu minwe umugozi wo kugera.
Nuko nongera kwunamura amaso, mbona umuzingo w’ igitabo uguruka.
Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, arambarira, at’ Unamura amaso, urābe kirya kije ic’ ari co.
Maze nunamuye amaso, mbona abagore babiri baje, bakubebga n’umuyaga mu mababa yabo; kandi bāri bafise amababa nk’ay’ agasōza; baterura iyo efa, bayicana mu kirēre hagati y’isi n’ijuru.
Nuko nongera kwunamura amaso, mbona imikogote ine iturutse hagati y’imisozi ibiri; kand’ iyo misozi yar’ imiringa.
Maze Yosuwa ari hafi y’i Yeriko, agize ngw arunamura amaso, abona umuntu imbere yiwe, yāsokōye inkota, ayifashe mu ntoke. Yosuwa aramwēgēra, aramubaza, ati Mbeg’ ur’ ūje ku ruhande rwacu, canke ku rw’abansi bacu?