Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zekariya 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu kwezi kw’umunani mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zekariya 1:1
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw igikorwa c’ingoro y’ Imana ir’i Yerusalemu barakireka, gushitsa mu mwaka ugira kabiri Dariyo umwami w’i Buperesi ari ku ngoma.


Maz’ abavugishwa n’Imana Hagayi na Zekariya mwene Ido bavugishwa mw izina ry’Imana y’Abisirayeli, babarira Abayuda bar’ i Buyuda n’i Yerusalemu.


mu ba Ido ni Zekariya; mu ba Ginetoni ni Meshulamu;


Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,


hāri ku musi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kwa gatandatu, mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma.


Maz’ ijambo ry’Uhoraho rivugira muri Hagayi uwavugishwa na we,


Ku musi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we,


Nukw ijambo ry’Uhoraho riza kuri Hagayi ubugira kabiri, kur’ uyo musi wa mirongwibiri na kane w’ukwo kwezi,


Ku musi wa mirongwibiri na kane wo mu kwezi kw’icumi na rimwe, ni kwo kwezi kwitwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’ Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana;


Mu mwaka ugira kane Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya ku musi wa kane w’ukwezi kw’icenda kwitwa Kisilevu.


bitayeko muzokorwa n’amaraso yose y’abagororotsi yaviriye kw isi, uhereye ku maraso ya Abeli umugororotsi ukageza ku maraso ya Zakariya mwene Barakiya mwiciye hagati y’ahēra h’urusengero n’igicaniro.


uhereye ku maraso ya Abeli, ukageza ku maraso ya Zakariya yīciwe hagati y’igicaniro n’ahēra h’urusengero: ni koko, ndababgire, azoronderwa ku b’iki gihe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ