Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zefaniya 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kukw ico gihe nzohindura amoko bagire ururimi rutunganye, kugira ngo bose babone kwambaza izina ryanje jewe Uhoraho, bankorere bahuje inama.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zefaniya 3:9
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abo mw isi yose bari bafise ururimi rumwe n’ukuvuga kumwe.


Seti na we arahava avyara umuhungu, amwita Enoshi: ico gihe abantu ni ho batanguriye kwambaza izina ry’Uhoraho.


Uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera Izina ry’Uhoraho rikwiye gushimwa.


Abo ku mpera zose z’isi bazokwibuka bahindukirire Uhoraho, Amoko yose yo mu mahanga azosengera imbere yawe.


Kur’ uwo musi mu gihugu ca Egiputa hazobamw’ ibisagara bitanu bivuga urunyakanani, birahira Uhoraho Nyen’ ingabo: kimwe muri vyo kizokwitwa Kiri‐haheresi.


Ni jewe ndema ishimwe riva mu minwa. Amahoro, amahoro abe k’ūri kure no k’ūri hafi, nanje nzomukiza, ni k’Uhoraho agize.


arinkoza ku munwa, arambarira, at’ Ehe, iri rikoze ku minwa yawe; ukugabitanya kwawe ugukūweko, icaha cawe kirahongewe.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


uheze uzungikanyemw’ inkoni imwe, kugira ngo zihinduke imwe mu kuboko kwawe.


Kuko kumenya icubahiro c’ Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.


Uhoraho azobabera agaterabgoba: kukw azocobogoza ibigirwamana vyose vyo kw isi; maz’ abantu bazomwunamira, umuntu wese ah’ ari, mbere n’ibizinga vyose vyo mu kiyaga vy’abanyamahanga.


Kand’ Uhoraho azoba Umwami aganza isi yose; kur’ uwo musi Uhoraho azomenyekana kw ar’ umwe gusa, n’izina ryiwe kw ari rimwe gusa.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Umunyangeso nziza akūra ivyiza mw itunga ryiwe ryiza; umunyangeso mbi akūra ibibi mw itunga ryiwe ribi.


Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana.


Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ