Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zefaniya 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nari nibgiye, nti N’ukuri uzontinya, uzokwemera guhanūrwa, ngw inzu zawe zoye gusangangurwa, nk’uko nari mmaze kubishinga vyose: ariko bama bazindukanwa no kwonona ibikorwa vyabo vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zefaniya 3:7
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana yitegereza isi, ibona ko yononekaye, kukw abari n’umubiri bose bo mw isi bāri bononye ingeso zabo.


Ni co catumye Uhoraho abatēza abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri, bagafata Manase, bakamubohesha ivyuma, bakamushira mu minyororo, bakamujana i Babuloni.


Kand’ izibūra amatwi yabo ngo bumve inyigisho, Ikabīhanikiriza ngo bagaruke bave mu bigabitanyo.


Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, Nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.


Wumvire inama, wemere kwigishwa, Kugira ng’ ube umunyabgenge mu bihe vyo hanyuma.


Ico nari gukorera uruzabibu rwanje ntārukoreye n’igiki? Ko naziga ko ruzokwama inzabibu, n’iki catumye rwama ibijabija vy’inzabibu?


Kuko yavuze, ati N’ukuri n’abantu banje, abana batogunga; nuko rer’ ababera Umukiza.


yamara bo ntibānyumvira, canke ngo batege amatwi, ariko bāgamika amazosi ngo boye kwumva, canke ngo bemere kwigishwa.


at’ Enda ni mugaruke, umuntu wese ave mu nzira yiwe mbi, muve mu bubi bg’ibikorwa vyanyu, ni ho muzokwibera mu gihugu Uhoraho yabahānye na ba sogokuruza, uhereye kera ugashitsa ibihe bitazoshira.


Kumbure ab’ inzu ya Yuda bokwumva ivyago vyose nageneye kubatēza, bagahindukira, umuntu wese akava mu nzira yiwe mbi, kugira ngo mbone guharira ukugabitanya kwabo n’icaha cabo.


Maze Yeremiya abarira Zedekiya, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ati Ni wagenda ukīsaba abaganwa b’umwami w’i Babuloni, uzokwikiza, kand’ iki gisagara ntikizotongozwa umuriro; nawe uzobona kubaho, n’abo mu nzu yawe.


Kunda wigishwe, Yerusalemu, umutima wanje woye guhubanwa nawe; noye kuzohava nguhindura amatongo, igihugu kitakirimw’ umuntu.


nuko nanje nzobabesha aha hantu, mu gihugu nahaye ba sogokuruza, uhereye ubga mbere ugashitsa ibihe bidashira.


Narateze ugutwi ndumviriza, ariko nta ho bavuga ukuri: nta muntu yihannye ibibi vyiwe, ngo yibaze, ati Mbeg’ ico nakoze n’igiki? Umuntu wese apfa guhuruduka, akajana inzira yiwe, ameze nk’ifarasi igenda akabushungwe yirukira mu ntambara.


Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.


Ntiwumviye ijwi riwubarira, ntiwemeye guhanūrwa, ntiwizigiye Uhoraho, ntiwiyegereje Imana yawo.


kugira ngo mwoye kwihumanya, mukībāzira igishushanyo, mugishushanije n’ ishusho iy’ ari yo yose, ar’ igishushanijwe mu kigabo canke mu kigore,


Arikw inyanduruko y’ukwigisha kwacu n’ukugira ngo bagire urukundo ruva mu mutima utanduye, utarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, no ku kwizera kutar’ ukw’ uburyarya.


Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ