Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mwicire ibiti, murundire Yerusalemu ikigunguzi co kwūririrako: ico gisagara gikwiye kūzirwa; nta kindi kiri muri co atar’ agahahazo.
Ni mwāmāmaze ibi mu ngoro zo muri Ashidodi, no mu ngoro zo mu gihugu ca Egiputa, muti Ni mukoranire ku misozi y’i Samariya, murābe imivurungano iriyo ukw ingana, n’ukuntu huzuye agahahazo!
Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!
Kandi mureke kurya abapfakazi n’impfuvyi n’ingenzi na ba nyarucari; ntihagire n’umwe muri mwebge yīgīra imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we.