Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zefaniya 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko rero, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, Imana y’Abisirayeli, n’ukuri Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’ igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira: amasigarira y’abantu banje azobatera abasahure, mber’ abarokotse bo mw ihanga ryanje bazobatwara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zefaniya 2:9
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bazohwikira Abafilisitiya b’i burengerazuba, babagwe ku gakanu, bazokwifatanya banyage ab’i burasirazuba; bazorāmvura ukuboko bacakire Abanyedomu n’Abanyamowabu; Abamoni bazobayoboka.


Kuk’ ukuboko kw’Uhoraho kuri kur’ uyu musozi, ariko Mowabu hazohonyangirwa ahantu haho, nk’ukw ivyatsi bihonyangirwa mu kiziba c’amaganga.


Unamura amaso urābe impande zose: ba bandi bose barakoranye, bariko baraza kuri wewe. Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho agize, uzobīsakara nk’uwambaye utugenegene, uzobakenyera use n’umugeni.


Nk’uko ndiho, ni k’Umwami agize, ari we yitwa Uhoraho Nyen’ ingabo, n’ukuri nk’uko Tabora umeze ku yindi misozi, kandi nk’ uko Karumeli umeze ku kiyaga, ni k’ūgiye kuza azoza ameze.


Ku vya Mowabu. Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli: at’ I Nebo habonye ibara! Kuko hakomvomvowe: i Kiriyatayimu haratēterewe, haratsinzwe: i Misigabu haratēterewe, harasanganguwe.


Ku vy’Abamoni. Uku ni k’ Uhoraho agize, ati Mbega Isirayeli nta bahungu afise? Nta samuragwa agira? None n’iki gituma ikigirwamana Malukamu ari co cegukiye Gadi, n’abantu baco baba mu bisagara vyaho?


Nk’ukw i Sodomu n’i Gomora vyabaye, igihe hākomvomvorwa, bo n’ibisagara bihereranye na ho, ni kw ata muntu azobayo, canke ngo hagire umwana w’umuntu azoba akihaba, ni k’Uhoraho agize.


Kand’ i Hazori hazoba i wabo w’imbgebge, n’ibitongozi vy’ibihe bidashira: nta muntu azobayo, cank’ umwana w’umuntu azoba akihaba.


Nk’uko vyabaye hamwe Imana yakomvomvora i Sodomu n’i Gomora, bo n’ibisagara bihereranye na ho, ni kw ata muntu azobayo, canke ngo hagire umwana w’umuntu azoba akihaba, ni k’Uhoraho agize.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Mowabu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko baturiye amagufa y’umwami w’Abanyedomu, bayahindura nk’ishwagara.


Amasho azokwigaramangira hagati muri ho, n’ibikōko vyose vyo mw ishamba: inkongori n’ibinyogoto bizokwībēra ku bisapfu vy’amazu yaho: amajwi yavyo azokwumvikanira mu madirisha; mu rwinjiriro rw’imiryango yaho hazoba amasakamburira, kuko yasitaguye amagarwe y’imbaho z’amasederi.


Kand’ ivyo biyaya bizoba ivy’ amasigarira y’inzu ya Yuda; ni ho bazoragira; bgije biryamire mu mazu yo muri Ashikeloni; kuk’ Uhoraho Imana yabo azobagendera, ngw agarukane abajanywe ar’ inyagano.


Amasigarira y’Abisirayeli ntibazokora ivyo kugabitanya, canke ngo bavuge ibinyoma, kandi nta rurimi rw’ubugunge ruzoboneka mu kanwa kabo: bazorisha bagaramange, ata wubateye ubgoba.


Ni muhwekerere imbere y’ Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kukw avyukurutse i we, ahēra hiwe.


ariko n’ukuri, ndahiye uguhoraho kwanje, ndahiye n’isi yose izokwuzura icubahiro canje, jewe Uhoraho,


Kuko handitswe, ngo Nk’uko ndiho, ni k’Uhoraho agize, amavi yose azompfukamira, N’indimi zose zizovuga ishimwe ry’Imana.


Kand’ urunganwe ruzoza hanyuma, ari bo bana banyu bazokura babakurikiye, bo n’ umunyamahanga azova mu gihugu ca kure, ni babona ivyago vyabaye mur’ ico gihugu n’indwara Uhoraho yagiteje,


bakabona yukw ico gihugu cose cabaye amazuku n’umunyu, cahiye uburimbi, ko kitakirimwa, canke ngo kimere, canke ngo kibemwo n’akātsi, ko gisigaye kimeze nk’ukw i Sodomu hākomvomvowe, bo n’i Gomora n’i Adima n’i Seboyimu, ibisagara Uhoraho yakomvomvoje uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ