Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zefaniya 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 mutaratūmūrirwa kure nk’umuguruka, kand’ uburake bg’Uhoraho bg’inkazi butarabashikako, mbere wa musi w’ uburake bg’Uhoraho utarabashikīra.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zefaniya 2:2
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bakaba nk’ibishingwe bitwarwa n’umuyaga, Nk’umuguruka utumurwa n’ igihuhuta?


Ababi ntibamera bartyo: Ariko baba nk’umuguruka utwarwa n’umuyaga.


Mugumbire urya Mwana, kugira ngo ntarake, namwe mugahonera mu nzira, Kuk’ uburake bgiwe bgoca buziriringa: Hahirwa abamuhungirako bose.


None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Amoko azosūma nk’ugusūma kw’amazi menshi: arikw Imana izoyakankamira, na yo azohungira kure, nk’ ibishingwe vyo ku misozi iyo bijanwa n’umuyaga, nk’ifurufumbi y’ umukungugu ir’ imbere y’igihuhuta.


Uburake bganje jewe Uhoraho ntibuzokebanuka kugeza aho nzoba nshikije ivy’ umutima wanje wagabiye, mbiheraheje: mu misi yo hanyuma muzobitahura rwose.


Enda ni mukebge, munyiyegurire jewe Uhoraho, mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, mwebge bagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu; ubushangashirwe bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Uhoraho yashikije ubushangashirwe bgiwe, yarekuye uburake bgiwe bg’inkazi; Kandi yadometse umuriro muri Siyoni, utongora n’ amatanguriro yaho.


Kuko jewe nd’Uhoraho: nzovuga, kand’ ijambo nzovuga rizoshika; ntirizokwongera kurekerwa mu rutendeko: kuko mu gihe canyu, mwebge ab’ inzu y’abagarariji, nzovuga kandi nshitse ico navuze, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ni co gituma bazoba nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato, babe nk’ umuguruka utwawe n’agashururu, kandi nk’umwotsi ufumba uva mu ziko.


Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’ ubushangashirwe bgiwe? Kandi ni nde yoshobora kwihanganira uburake bgiwe bukaze? Uburake bgiwe busukwa nk’umuriro, kandi ni we amenagura ibitandara.


Nta feza zabo nta n’izahabu bizoshobora kubakiza ku musi w’uburake bg’Uhoraho; arikw isi yose izomarwa n’umuriro w’ifūhe ryiwe: kukw ababa kw isi bose azobaherengeteza rwose giturumbuka.


Nuko rero, ni mundorēre, ni k’Uhoraho agize, gushitsa ku musi nzohaguruka nja kunyaga: kuko nagabiye gukoraniriza amahanga hamwe, negeranye ibihugu, ngo mbasukek’ ubushangashirwe bganje, ni bgo burake bganje bgose bg’inkazi: kukw isi yose izotongōrwa n’umuriro w’ifūhe ryanje.


Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ