Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zefaniya 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ni mukoranire hamwe, mbere ni mukorane, yewe hanga ritagira isoni;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zefaniya 2:1
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Abayuda bose bakoranira hamwe ngo basabe Uhoraho abatabare; nuko bava mu bisagara vyose vy’i Buyuda bazanywe no kurondera Uhoraho.


Maz’ abantu bose iyo bava bakagera bakoranira icarimwe ku kibuga kir’ imbere y’irembo ry’ amazi, basaba Ezira, umunyabgenge w’ivyanditswe, ngw azane igitabo c’ivyagezwe vya Mose, bimwe Uhoraho yaha Abisirayeli.


Maze ku musi ugira mirongwibiri na kane wo mur’ ukwo kwezi, Abisirayeli barakorana, barisonzesha bambaye amagunira, bīrengeje imikungugu ku mitwe.


ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


Ni co gitumye imvura ibuzwa, ntigwe no mu gihe cobaye urushana; yamara na ho nyene wāraritse uruhanga nka maraya, ntiwaruha ugira n’udusoni.


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobāzira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.


Arik’ Uhoraho ari hagati muri wo aragororotse, ntazokora ivyo kugabitanya; uko bukeye aserura ahibonekeza imanza ziwe ziroranye, ntatenzekanya: arikw ikigoryi nta dusoni kigira.


Mu kwezi kumwe ngeseza ba bungere batatu; kuk’ umutima wanje war’ ubarambiwe, kandi n’iyabo yari yanzinutswe.


Kukw aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ