Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zefaniya 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kur’ uwo musi nzohana abasimba urwinjiriro rw’urusengero bose, bakuzuza inzu ya shebuja umuryano n’uruhendo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zefaniya 1:9
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw abanyitangiye imbere mu gutwarira umwami, bāraruhije abantu, kuko bāgenda babatoza ivyo kurya na vino, hamwe na shekeli z’ifeza mirongwine; mbere n’abasavyi babo bagatwaza abantu amanyama. Ariko jewe sinigeze ngenza ntyo, kuko nubaha Imana.


Ūganza, iyo yumvira ibinyoma Abasavyi biwe bose baba ar’ abanyavyaha.


Nk’ukw igisamba cokwuzuzwa izo nyoni, ni kw amazu yabo yuzuyemw’ ibigungano: ni co catumye bacika abahambaye, bakaba abatunzi.


Kuko batazi gukora ibitunganye, ni k’Uhoraho agize, birundaniriza umuryano n’ubgambuzi mu ngoro zabo.


Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana.


Ndabaza, nti Mbega n’igiki? Arambarira, ati Kirya n’ingero yitwa efa ije. Kand’ at’ Ivyo ni vyo bigabitanyo vyabo mu gihugu cose.


Maze ba shebuja babonye yukw ico bazigakw inyungu kivuyeho, bafata Paulo na Sila, barabakwega babajana mu kaguriro imbere y’abashingantahe,


Maz’ umugabo wiwe mu gatondo aravyuka, yugurura urugi rw’inzu, arasohoka agira ngw agende. Asanga uwo mugore wiwe arambaraye imbere y’umuryango w’inzu, ibiganza vyiwe biri mu rwinjiriro.


Ni co gituma abaherezi ba Dagoni n’uwinjira mu ngoro yayo wese, bitonda kudakandagira mu rwinjiriro rw’ ingoro ya Dagoni yo muri Ashidodi gushitsa n’ubu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ