Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zefaniya 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 N’uhwekerere imbere y’Umwami Uhoraho: kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi; Uhoraho yiteguye ikimazi, kandi yejeje abatumire biwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zefaniya 1:7
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

N’iki gituma Īshobora vyose idashinga ibihe vy’imanza? N’iki gituma abayizi batabona iyo misi?


Ni mwisigireho, mumenye kw ari jewe Mana; Nzoshirwa hejuru mu mahanga, nzoshirwa hejuru mw isi.


Nahaye icagezwe abo nirobanuriye, mbere nahamagaye abahizi banje, bo n’abanyirahira bampayagiza, kugira ngo bashitse ivyo uburake bganje bgāgabiye.


Ni muboroge, kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo afitiye umusi ivyibona vyose n’ivyivuna, n’ivyishira hejuru vyose, kandi bizocishwa bugufi.


maze Ariyeli nzoca mpababaza, hazoba kurira no kuboroga; kand’ aho hazombera nka Ariyeli nyene.


Kukw inkota yanje inyoye mw ijuru igahāga; non’ igira igwe ku Banyedomu, no ku bantu navumye, ngw ibahane.


Inkota y’Uhoraho yuzuyekw amaraso, ihāze ibinure, amaraso y’imyagazi y’intama n’impene, n’ibinure vyo ku mafyigo y’amasuguru y’intama; kuk’ Uhoraho yifitiye ikimazi i Bosira, n’ukugeseza gukomeye mu gihugu ca Edomu.


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kuk’ uwo musi ar’ uw’ Umwami, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, ar’ umusi wo kwīhōrako, kugira ngo yīhōre abarwanizi biwe: inkota izorya ihāge, izonywa amaraso yabo ihīmbe: kuk’ Umwami, ari we Uhoraho Nyen’ ingabo, acumitira ibimazi mu gihugu c’i burārūko ku nkengera y’uruzi Efurate.


Ehe wa musi, nguyu uraje: igihano cawe kirashitse; inkoni yabaye umusozo, ubgibone buratutuje.


Igihano cawe kiragushitseko, wewe wibera mu gihugu we! Igihe kirashitse, umusi uri hafi; n’ umusi wo kuvuza akarūru mu misozi, atar’ uwo kuvuza impundu.


Ewe wa musi mubi! Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi guhinduke amaraso, hataraza uwo musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho.


Umuntu ni yaza guterura umuvyimba wa mwene wabo ngw awuturire, agakūra ico kiziga mu nzu, azobaza ūri haruguru mu nzu, ati Har’ ūgisigaye muri kumwe? na we azomwishura, ati Na mba; maz’ uno amubgire, at’ Iyihorerere, kuko tudashobora kuvuga izina ry’Uhoraho!


Kur’ uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo, ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi: ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere.


Yamar’ Uhoraho we, ari mu rusengero rwiwe rwera: isi yose n’ihwēkērere imbere yiwe.


Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’ urihuta; umusi w’Uhoraho, guhinda kwawo kurumvikana; umuhizi araborogana intuntu.


Eh’ umusi uraje, umusi w’ Uhoraho, aho bazogabanganira iminyago yawe hagati muri wewe.


Ni muhwekerere imbere y’ Uhoraho, yemwe abafise umubiri mwese, kukw avyukurutse i we, ahēra hiwe.


Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.


Yongera gutuma abandi bagendanyi, ati Mubgire abatowe, muti Rāba amazimano yiwe yayiteguye, n’amapfizi n’amagumba vyiwe vyābāzwe, kandi vyose biriteguwe: ni muze mutahe ubukwe.


Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:


Ariko ga wa muntu, uri nde, uhārīra n’Imana? Mbeg’ icābūmbge cobaza uwakibumvye, kiti N’iki catumye umbumba urtya?


Ubugwaneza bganyu bumenywe n’abantu bose; Umwami wacu ari hafi.


Mushime Data wa twese yabashoboje kuraganwa n’abera umwandu wo mu muco;


At’ Ego me n’amahoro; nzanywe no gushikanira Uhoraho ikimazi. Nuko ni mwiyeze, muze tujane kur’ ico kimazi. Kandi yeza Isayi n’abahungu biwe, abahamagara kuza kur’ ico kimazi.


Yamara Sauli kur’ uwo musi ntiyagira ico avuga, kuko yiyumviriye, ati Sinzi ico yabaye; ngira ngw arahumanye, eka nta kundi arahumanye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ