6 n’ abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.
Kuko nitondeye inzira z’ Uhoraho, Kandi sinakoze icaha co kureka Imana yanje:
kandi yuk’ ūtemeye kurondera Uhoraho Imana y’Abisirayeli azokwicwa, ar’ umuto cank’ umukuru, ar’ umugabo cank’ umugore.
Umunyakibi kubg’ ubgibone bgiwe aravuga, at’ Eka ntazohōra. Ivyiyumviro vyiwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Nta Mana iriho.
Arikw abizimagiriza mu nzira zabo zigoramye, Uhoraho azobashorerana n’ inkozi z’ibibi. Amahoro abe mu Bisirayeli.
Amagambo yo mu kanwa kiwe n’ukugabitanya n’ubugunge; Yaretse kugira ubgenge no gukora ivyiza.
Ewe wa hanga rikora icaha, ubgoko buremerewe n’ukugabitanya, uruvyaro rw’inkozi z’ibibi, abana b’ivyanke! Barantaye, jewe Uhoraho, barankengēra, jewe Uwera w’Abisirayeli; twārahubanywe, bāsubiye inyuma.
Ariko rero, Yakobo we, ntiwanyambaje; Isirayeli we, waramparurutse.
Abasiriya bazomuturuka imbere, Abafilisitiya na bo bamuturuke inyuma: bazokwasamira Isirayeli bamutsontsomere. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.
Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo.
Rekurira uburake bgawe ku mahanga atakuzi, no ku miryango itambaza izina ryawe, kuko bātsontsomeye aba Yakobo, mbere barabatsontsomeye barabaherengeteza, bākomvomvoye aho bāba.
Warantaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, wasubiye inyuma; ni co gitumye nagushōreyek’ ukuboko nkaguhonnya; kwigarura kurandambiye.
kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.
Mbega si wewe wavyihamagariye, kuko wataye Uhoraho Imana yawe akikurōngōra mu nzira?
Kandi nah’ ivyo bimeze birtyo, mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ntiyangarutseko n’umutima wose atar’ ukugaruka mu buryarya, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Ikindi, umugororotsi ni yahindukira akareka ubugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, nanje ngashira igitsitaza imbere yiwe, azopfa: kuk’ utāmubūriye, azopfira mu caha ciwe; kand’ ibikorwa vyiwe bigororotse yakoze ntazobiharūrwako, arikw amaraso yiwe nzoyakuronderako.
Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.
Ubgibone bg’Abisirayeli ni bgo bubāgiriza imbonankubone: yamara ntibararuha bangarukako, jewe Uhoraho Imana yabo, canke ngw ivyo vyose bitume bandondera.
Bose bashushe nk’ iziko, batsontsomera abacamanza babo; abami babo bose barahindikiranye; nta n’umwe muri bo antakambira.
Ntiwumviye ijwi riwubarira, ntiwemeye guhanūrwa, ntiwizigiye Uhoraho, ntiwiyegereje Imana yawo.
Nta wutahura, Nta wurondera Imana.
tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,
Ariko ni mwahīrahīra mukarāba irya, mukīfatanya n’aya mahanga asigaye muri mwebge, mugashingirana na bo, mukābīra abageni babo, na bo bakābīra abanyu,
riti Ndicujije icatumye nimika Sauli; kuko yamvuyeko, akanka gukora ivyo namubariye. Maze Samweli araraka, akēsha ijoro atakambira Uhoraho.