Nuko Eliya yēgēra abantu bose, arababarira, ati Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira. Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe.
Nukw ab’ ayo mahanga bātinya Uhoraho, bagatako bagasaba ibishushanyo vyabo vy’ibibāzano; n’abana babo n’abuzukuru babo bakomeza kugenza bartyo; uko ba sekuruza bāgenza, na bo ni ko bagenza na bugingo n’ubu.
Kand’ ibicaniro vyari hejuru ku nzu, ku cumba co hejuru ca Ahazi, ivyo abami b’i Buyuda bagiye bubaka, n’ibicaniro Manase yubatse mu nyubakwa no mu ntangaro vyo ku ngoro y’Uhoraho, na vyo umwami arabisangangura; araheza arabijonjanga, umukungugu wavyo awushiburira mu mugezi Kidironi.
kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.
Ku vy’Abamoni. Uku ni k’ Uhoraho agize, ati Mbega Isirayeli nta bahungu afise? Nta samuragwa agira? None n’iki gituma ikigirwamana Malukamu ari co cegukiye Gadi, n’abantu baco baba mu bisagara vyaho?
kandi mwiyubare kugira ngo ni mwararama mukarāba mw ijuru, mukabona izuba n’ukwezi n’inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, bize vyoye kubakwega ngo mubisenge, mubisabe, kand’ ari vyo Uhoraho Imana yanyu yashiriyeh’ amahanga yose yo musi y’ijuru.