Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zefaniya 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 n’abasenga inyenyeri, ari zo ngabo zo kw ijuru, būriye hejuru ku mazu; n’abasenga bandahira jewe Uhoraho bagatako bakarahira na Milikomu;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zefaniya 1:5
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ngw Abitewe n’uko bāmutaye, bakaja gusenga Ashitoreti imanakazi y’Abasidoni, na Kemoshi imana y’Abanyamowabu, na Milikomu imana y’Abamoni; ntibagendere mu nzira ziwe, ngo bakore ivyo abona ko bibereye, bitondere amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe, nk’uko Dawidi se wa Salomo yagenza.


kuko Salomo yakurikiye Ashitoreti imanakazi y’Abasidoni, na Milikomu, ca kizira c’ubuyobe c’Abamoni.


Nuko Eliya yēgēra abantu bose, arababarira, ati Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira. Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe.


Ariko n’Uhoraho na we baramusaba, kandi bamwe muri bo bābagira abaherezi bo mu bitabo, bo kubatangira ibimazi mu tunyabugoro two mur’ ivyo bitabo.


Uko ni ko bāsaba Uhoraho, bagatako bagasaba izabo mana, nk’ukw imigenzo y’amahanga bākūwemwo yar’ imeze.


Nukw ab’ ayo mahanga bātinya Uhoraho, bagatako bagasaba ibishushanyo vyabo vy’ibibāzano; n’abana babo n’abuzukuru babo bakomeza kugenza bartyo; uko ba sekuruza bāgenza, na bo ni ko bagenza na bugingo n’ubu.


Kand’ ibicaniro vyari hejuru ku nzu, ku cumba co hejuru ca Ahazi, ivyo abami b’i Buyuda bagiye bubaka, n’ibicaniro Manase yubatse mu nyubakwa no mu ntangaro vyo ku ngoro y’Uhoraho, na vyo umwami arabisangangura; araheza arabijonjanga, umukungugu wavyo awushiburira mu mugezi Kidironi.


Imbūri yo ku kiyaya c’ ukwerekwa. Noneh’ ubaye ute, abantu bawe bose ko būriye ku mazu hejuru?


Umwe azovuga, ati Nd’ uw’ Uhoraho, uwundi azokwiyita izina rya Yakobo, uwundi azokwiyandikira n’ukuboko kwiwe kw ar’ uw’ Uhoraho, yiyita izina rya Isirayeli.


Ndirahiye, ijambo ry’ukuri rivuye mu kanwa kanje ritazokwirahuruzwa, yukw amavi yose azompfukamira, n’indimi zose zizondahira.


Ni mwumve ibi, yemwe nzu ya Yakobo, abitwa izina rya Isirayeli, bakanduruka mu rura rwa Yuda; abarahira izina ryanje Uhoraho, bakavuga Imana ya Isirayeli, ariko mu bitar’ ivy’ ukuri canke mu vy’ukugororoka.


Maze ni bigana umwete ingeso z’abantu banje, bakarahira izina ryanje, ni kwo guhoraho kwanje Uhoraho, nk’uko nyene bāri bārigishije abantu banje kurahira Bayali; ni ho bazokomezwa hagati y’abantu banje.


ingo z’i Yerusalemu n’ingoro z’abami b’i Buyuda zizoba ibihumane, zimere nk’aha hantu i Tofeti, mbere n’amazu yose būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu inyenyeri zose, ari zo ngabo zo kw ijuru, bagasukira ibiturire izindi mana.


n’Abakaludaya bateye iki gisagara, bazogishikamwo bagiturire bagitongore, bo n’amazu būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu Bayali, bagasukira ibiturire izindi mana, kugira ngo bantere ishavu.


kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.


Ku vy’Abamoni. Uku ni k’ Uhoraho agize, ati Mbega Isirayeli nta bahungu afise? Nta samuragwa agira? None n’iki gituma ikigirwamana Malukamu ari co cegukiye Gadi, n’abantu baco baba mu bisagara vyaho?


Naho barahira uguhoraho kw’Uhoraho, n’ukuri barahira ibinyoma.


Mbega noshobora nte kuguharira? Abana bawe barantaye, bīrahira izitar’ imana; mpejeje kubagaburira bagahāga, bāciye basambana, barema inteko i wabo w’abasambanyikazi.


maze mukaza mugahagarara imbere yanje mur’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mukavuga, muti Turakijijwe: mwaheza mugakora ivyo bizira vyose?


Mbega birashoboka ko mwiba, mukica, mugasambana, mukarahira ibinyoma, mukosereza Bayali imibavu, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya,


bazoyanikira musi y’izuba n’ukwezi n’ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru, ivyo bākunda bakabisaba bakabigendanira bakabishishikarira bakabisenga: ntazosubira kwegeranywa ngw ahambge, arikw azoba nk’intabire yometse ku misozi.


Bagira imitima ibiri: noneho babonetsek’ urubanza rubatsinze. Imana izosangangura vya bicaniro vyabo, isitagure za nkingi zabo.


Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.


Nuko rero muzorerura Sikuti umwami wanyu, na Kiyuni, inyenyeri yanyu y’ikigirwamana, ari vyo bishushanyo mwironkeye ubganyu.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Bukeye bg’aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yūrira hejuru ku nzu gusenga, hāri nk’isaha zitandatu.


Kuko handitswe, ngo Nk’uko ndiho, ni k’Uhoraho agize, amavi yose azompfukamira, N’indimi zose zizovuga ishimwe ry’Imana.


Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo murahira.


kandi mwiyubare kugira ngo ni mwararama mukarāba mw ijuru, mukabona izuba n’ukwezi n’inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, bize vyoye kubakwega ngo mubisenge, mubisabe, kand’ ari vyo Uhoraho Imana yanyu yashiriyeh’ amahanga yose yo musi y’ijuru.


mukifatanya n’ayo mahanga agisigaye muri mwebge, canke ngo mushire mu kanwa amazina y’imana zabo, canke ngo muzirahire, canke ngo muzisabe, canke ngo muzunamire;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ