Kand’ umugozi nageresheje i Samariya ni wo nzogeresha i Yerusalemu, mpagereshe na karisho nageresheje inzu ya Ahabu; kandi nzohanagura Yerusalemu, nk’uk’ umuntu ahanagura isahani, agaheza akayubika.
Kand’ ibicaniro vyari hejuru ku nzu, ku cumba co hejuru ca Ahazi, ivyo abami b’i Buyuda bagiye bubaka, n’ibicaniro Manase yubatse mu nyubakwa no mu ntangaro vyo ku ngoro y’Uhoraho, na vyo umwami arabisangangura; araheza arabijonjanga, umukungugu wavyo awushiburira mu mugezi Kidironi.