Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zefaniya 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nzokwanzura rwose ibintu vyose biri kw isi, ni k’Uhoraho agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zefaniya 1:2
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye.


Kand’ izo ngabo z’Abasiriya zaje ar’ igitero gito, arik’ Uhoraho agabura ingabo nyinshi cane z’Abayuda mu maboko yabo, kuko bari bamuhevye, ari we Uhoraho Imana ya ba sekuruza. Nukw Abasiriya bashitsa kuri Yowasi itēka yaciriwe.


kwar’ ukugira ngw ijambo Uhoraho yavugiye mu kanwa ka Yeremiya rishike, igihugu gishumbushwe amasabato yaco; igihe cose camaze kikir’ amatongo, cariko kiziririza amasabato yaco, gushitsa kimaze imyaka mirongwirindwi.


Ndamubaza, nti Mwami, n’ugushitsa ryari? Aranyishura, ati N’ugushitsa ah’ ibisagara bizobera imisaka, ata wukibibamwo, n’amazu ata wukiyabamwo, n’igihugu kigahinduka amatongo masa,


Rāba nzobigera, ni jewe Uhoraho mbivuze, mbagarukane kur’ iki gisagara; kandi bazokirwanya bagitsinde, bagitongoze umuriro: kand’ ibisagara vy’i Buyuda nzobigira imisaka, ata wukihaba.


Kandi ku vya Yehoyakimu umwami w’i Buyuda uvuge, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Waturiye uwo muzingo, uvuga ngo N’iki kiwukwandikishije ut’ Umwami w’i Babuloni ntazobura kuza ngw ahonnye iki gihugu, akimaremw’ abantu n’ibitungwa?


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Uhoraho yakoze ico yagabiye; Yashikije ijambo ryiwe yashinze mu misi ya kera; Yagukubise hasi ata kagongwe; Yahaye umwansi kukwitamba hejuru, Yashize hejuru ihembe ry’ abarwanizi bawe.


Yamar’ isi izohinduka umusaka, kubg’ abayibako, bahōwe ivy’ ibikorwa vyabo vyāmuje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ