Kand’ izo ngabo z’Abasiriya zaje ar’ igitero gito, arik’ Uhoraho agabura ingabo nyinshi cane z’Abayuda mu maboko yabo, kuko bari bamuhevye, ari we Uhoraho Imana ya ba sekuruza. Nukw Abasiriya bashitsa kuri Yowasi itēka yaciriwe.
Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.