Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Zefaniya 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zefaniya mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya, ku ngoma ya Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Zefaniya 1:1
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Manase ahamvya ba sekuruza, ahambga mu murima wo ku rugo rwiwe, war’ umurima wa Uza; maz’ umuhungu wiwe Amoni asubira ku ngoma yiwe.


Nukw ahambga mu mva yiwe yari yarimbishije muri wa murima war’ uwa Uza; maz’ umuhungu wiwe Yosiya asubira ku ngoma yiwe.


Nuko Manase ahamvya ba sekuruza, ahambga mu rugo rwiwe; maz’ umuhungu wiwe Amoni asubira ku ngoma yiwe.


Ijambo ry’Uhoraho riza kuri we mu mwaka ugira icumi na gatatu Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma.


Kuko ku vya Shalumu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda, yasubiye ku ngoma ya se Yosiya, yavuye aha hantu akagenda mazimayongo: ntazosubira kugaruka ino ukundi, ni jewe Uhoraho mbivuze;


at’ Uhereye mu mwaka ugira icumi na gatatu wa Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kur’ uyu musi, iyo myaka ukw ari mirongwibiri n’itatu, ijambo ry’ Uhoraho ryama rinzako, nanje nkaribabgira, nkāma nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwumve.


ijambo ry’ Uhoraho ryanjeko jewe umuherezi Ezekiyeli mwene Buzi, ndi mu gihugu c’Abakaludaya ku ruzi Kebari; kand’ aho hantu nyene ni ho ukuboko kw’Uhoraho kwaziye kuri jewe.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Hoseya mwene Beyeri, ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, hāri no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli.


Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka:


Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’ umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ