Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yuda 1:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko na barya nyene bahwanye na bo, inzozi zabo zibatera kwōnōna imibiri yabo, no gukēngēra ukuganzwa no gutuka abanyacubahiro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Uko ni ko n’abo bantu bagendera mu ndoto zabo, bonona imibiri yabo, bagasuzugura ububasha bw’Imana bagatuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yuda 1:8
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kukw Imana izi yuk’ umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’ Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.


Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu.


Har’ urunganwe rw’abantu batuka ba se, Ntibahezagire ba nyina.


Ijisho ry’ūcokora se, Kwumvira nyina akabikēngēra, Ibikōna vyo mu mwonga bizorinogora, Ibinyakabaka bizorirya.


Ntukavume umwami, eka naho vyoba mu vyiyumviro vyawe; kandi ntukavume umutunzi naho woba haruguru mu mpete: kukw inyoni yo mu kirēre izoritwara, kand’ igisīga kizovyandagaza.


Bikoraniriza hamwe kurwanya Mose na Aroni, barababarira, bat’ Ivyanyu biratunaniye! Ereg’ ishengero ryose n’iryera, iyo bava bakagera, kand’ Uhoraho ari muri bo: none n’iki gituma mwishira hejuru y’ikoraniro ry’Uhoraho?


Kandi ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, ntimuze muhagarikire imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga.


Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza.


Paulo, ati Sinari ndamuzi, bene Data, kw ar’ umuherezi mukuru; kuko handitswe ngo Ntukavuge nabi umukuru wo mu bgoko bganyu.


Arik’ uwagirira mugenzi we nabi aramusunika, aramubaza, ati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza wacu?


Ba sogokuruza banse kumwumvira, baramwikunkumura, basubira muri Egiputa mu mitima yabo,


Umuntu ni yonona urusengero rw’Imana, Imana izomurandura; kuk’ urusengero rw’Imana ar’ urwera, kand’ urwo rusengero ni mwebge.


Ni co gituma ūvyanka ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana, kand’ ari yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


abashakanyi, abagabo bendana, abanyaga abantu bakabashōra, ababeshi, abarahira nabi, n’ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima,


Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.


Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ