Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yuda 1:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Mwizigamire mu rukundo rw’Imana mu kurindira ko Umwami wacu Yesu Kristo, mu mbabazi ziwe, abaha ubugingo budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yuda 1:21
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu ni yapfa, mbeg’ azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, Nkarorēra igihe canje co kurekurwa.


Kukw ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu n’ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.


Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ ūnkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira.


Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


kugira ngo, nk’ukw icaha cashizwe ku ngoma n’urupfu, abe ari ko n’ubuntu bg’Imana bushirwa ku ngoma n’ukugororoka, buheshe ubugingo budashira, kubga Yesu Kristo Umwami wacu.


ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’ urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twāhawe.


Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.


cank’ uburebure bg’igihagararo, cank’ uburebure bg’amajepfo, cank’ ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana, n’ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.


Umwami arōngōre imitima yanyu, ayerekeze ku rukundo rw’Imana no ku kwihangana kwa Kristo.


ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nyakuri mu kwizera. Ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.


Umwami agirire abo kwa Onesiforo ikigongwe, kuko yanduhura kenshi, kandi ntiyatewe n’isoni n’umunyororo wanje,


Umwami amuhe kuzoronka imbabazi ziva ku Mwami kuri wa musi. Kand’ ivyo yankoreye muri Efeso uko bingana, nta wukurusha kubimenya.


ndakwandikiye Timoteyo, umwana wanje nkunda: ubuntu n’imbabazi n’amahoro bibe kuri wewe, biva ku Mana Data wa twese no kuri Kristo Yesu Umwami wacu.


Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.


no mu kurereka ukuza kw’umusi w’Imana muwuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kand’ ivy’ itanguriro vyose bikayagishwa n’ikibengebenge gikaze?


Natwe twamenye kandi twizeye urukundo Imana idufitiye. Imana n’urukundo; kand’ ūguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana ikaguma muri we.


Turazi yuk’ umuntu wese avyawe n’Imana adakora ivyaha, arik’ umwe yavyarwa n’Imana aramuzigama, kandi wa Mubi ntamukorako.


Yuda, umugurano wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo.


Ariko, Īshobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y’ubgiza bgayo mudafise agasembga munezerewe cane,


Na bo bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi w’Intama n’ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ