Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yuda 1:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kandi Henoki, ni we yagira indwi uhereye kuri Adamu, yavugishijwe n’Imana ivyabo, at’ Eh’ Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Enoki, uwo mu runganwe rugira indwi inyuma ya Adamu, yavugishijwe kuri abo bantu ati: “Raba Uhoraho azananye n’ibihumbi n’ibihumbi vy’abamarayika bera,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yuda 1:14
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yeredi amaze imyaka ijana na mirongwitandatu n’ibiri avyara Henoki.


Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.


Muzohunga muce mu ruhomoka rwo mu misozi yanje; kuk’ uruhomoka rwo mur’ iyo misozi ruzoshika no kuri Azeli: mbere muzohunga nk’uko mwāhunze hamwe isi yatigita ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda; maz’ Uhoraho Imana yanje azoza azananye n’abera bose.


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


at’ Uhoraho yaturutse kuri Sinayi, Yabarasiye aserutse kuri Seyiri, Yakayanganye aserutse ku musozi Parani, Avuye hagati mu masinzi y’ abera; I buryo bgiwe har’ umuriro waka.


kugira ngw aremeshe imitima yanyu, ntigire umugayo, ibe iyera imbere y’Imana yacu ni yo Data wa twese, iz’ isangwe irtyo ah’ Umwami wacu Yesu azozananira n’abera biwe bose.


Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika,


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ