Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yuda 1:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Abo n’ivyubirizi mw isangira ryanyu ry’urukundo, iyo basangira namwe ivyiza; n’abungere bīragira ubgabo ata dusoni: n’ibicu bitagira amazi, bikubebga hose n’umuyaga; n’ibiti birumvye bitāma, vyapfuye kabiri, vyaranduranywe n’imizi;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yuda 1:12
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nuko nanje nzobarandura, mbakūre mu gihugu nabahaye, kand’ iyi ngoro nejeje kubg’ izina ryanje nzoyishibura imve mu maso, ndayigire iciro ry’imigani n’agashinyaguro mu mahanga yose;


Imizi yiwe isobekerana mu gihongo, Ayishōra i wabo w’amabuye.


Azoba nk’igiti gitewe hafi y’ imigezi y’amazi, Cama igihe caco, Ibibabi vyaco ntivyuma: Ic’ azokora cose kizomubera ko.


Kuko bazotemwa vuba nk’ ubgatsi, Bazokwuma nk’ukw imboga zitotahaye zuma.


Nk’ukw ibicu n’umuyaga bitarimw’ imvura bimeze, Ni k’umuntu ameze yishemagiza ngw aratanga kand’ ar’ ukubesha.


Enda vuga, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho abaza, ngo Mbeg’ uzototahara? Ya nkukuma ya mbere mbega ntizowurandura imizi, ikawuhanyagurakw inzabibu, kugira ngo wume, n’ibibabi biremvye ngo bikabirane? Mbere kuwusiturana n’ imizi yawo ntivyonanirana, canke ngo birinde gukoranya ingabo.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba abo bungere tuzohigūra twe na bo; kand’ intama zanje nzozibaronderako, ndababuze gusubira kuziragira; kand’ abo bungere ntibazoba baciragira ukundi; nzokiza intama zanje amenyo yabo, zoye kuba inyama zabo.


Mbega muvyita icoroshe, iyo murishije umugutu mwiza, uwo mwāri mushigaje mukawutakangisha inzāra? Cank’ iyo mushōtse amazi y’umusarara, ayo mwāri mushigaje mukayaca iyondoyondo?


riti Mwana w’umuntu, būrira abungere baragira Abisirayeli, ubabūrire, ubgire abo bungere, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Bazobona ibara, abungere b’Abisirayeli bīragira ubgabo! Mbeg’ abungere ntibāri bakwiye kuragira intama?


ngo Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, n’ ukuri intama zanje ko zahindutse inyagano, zikaba ivyo kurya vy’ ibikōko vyose vyo mw ishamba, kubgo kutagira umwungere, kand’ abungere banje ntibarondere intama zanje, ariko bakīragira ubgabo, ntibaragire intama zanje;


Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’ urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’ urume ruta mu kanya gato.


Na h’iyo ndwara ni yagaruka, igasubira gusēsa ku nzu, bamaze gusambura amabuye no kuyihomōra, bagasubira kuyihoma;


Izuba rirashe, ziraraba, kukw ata mizi zifise, zirūma.


Arabishura, at’ Igitewe cose, Data wo mw ijuru atāteye, kizorandurwa.


izuba rirashe, ziraraba, kukw ata mizi zifise, zirūma.


Arik’ uwo mushumba ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye kuza; maz’ agatangura gukubita abashumba n’incoreke, no kurya no kunywa no kuborerwa,


Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Izindi zigwa ku rutare, zihejeje kumera zirūma, kuko zibuze ahabomvye.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi.


Mwidibamiye mw isi, mwihaye ibibahimbara: mwifunereje mu mitima ku musi wo gukekagurwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ