Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yuda 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Bazobona ibara, kuko bajanye inzira ya Kayini, bakiroha mu buzimire bga Balamu kubg’ amaronko, bagahonera mu mugararizo wa Kora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Abo bazobona ibara! Bajanye inzira ya Kayini, bakurikira amaronko maze barwa mu mutego Balamu yaguyemwo; bazohona kuko bagararije nka Kora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yuda 1:11
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uko ni ko Uriya umuherezi yagenza nk’uk’ umwami Ahazi yamubariye kwose.


Umunyavyaha azobona ibara! Azomererwa nabi, kukw azogererwa ingero y’ivyo amaboko yiwe yakoze.


Ishusho yo mu maso habo ni yo ibāgiriza; bērura icaha cabo nk’ab’ i Sodomu, ntibagihisha. Ubugingo bgabo buzobona ibara, kukw ari bo bīhamagariye ivyago.


Nabonye ibizira vyawe, ni bgo busambanyi bgawe, n’ukuroherana kwawe, ni bgo bushakanyi bg’ubusambanyi bgawe, ku misozi no ku gahinga. Uzobona ibara, ewe Yerusalemu! Ko wanse kwezwa: mbeg’ uzogeza ryari?


uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Bazobona ibara, abo ba kamenyi b’ibipfu, bakurikira ivyiyumviro vyabo ubgabo, kand’ ata co beretswe!


Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke imigabo Balaki umwami w’i Mowabu yīgīriye, n’ico Balamu mwene Beyori yamwishuye; mwibuke n’ivyabaye uhereye i Shitimu ukageza i Gilugali, kugira ngo mumenye ivy’ ubugororotsi nakoze, jewe Uhoraho.


Azobona ibara, uwo mwungere w’imburakimazi ata umukuku! Inkota izomukubita ku kuboko, no ku jisho ry’i buryo: ukuboko kwiwe kuzonyunyuka rwose, kand’ ijisho ryiwe ry’i buryo rizohuma agahenebere.


Ereg’ abo ni bo bacumuje mwebge Abisirayeli k’Uhoraho ngo mumuhemukire mu vyabaye i Peyori, babitewe n’inama za Balamu, bituma ikīza gitera ishengero ry’Uhoraho.


At’ Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba barihannye kera, bakambara amagunira, bakīsīga iminyota.


kuko batābashanganije ivyo kurya n’amazi, igihe mwava muri Egiputa; kandi kuko bāhēreye Balamu mwene Beyori w’i Petori ho muri Aramu‐Naharayimu ngw abavume.


Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe kw ar’ umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe amashikanwa yiwe yukw ari meza, kandi ni kwo kwatumye na none akivuga, naho yapfuye.


Bātaye inzira igororotse, barazimira, bakurikira inzira ya Balamu, mwene Beyori, umwe yakunze ingero zo kugabitanya,


ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.


Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ