Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Enda ni mwāmāmaze ibi mu mahanga, muti Ni mugabishe, mugomore abahizi, ingabo zose ni zīgire hafi, zidūge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Muvuge mu mahanga, mut’ Uhoraho arahangamye: Isi na yo irashimangiye, ntishobora kunyiganyiga; Azocira amahanga imanza zibereye.


Mwa mahanga, ni mwīgire hafi kugira ngo mwumve; mutege amatwi mwa moko mwe; isi ni yumve, bo n’ibiyuzuye; n’ivu n’ibirimeramwo.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.


Mubitāngāze mu mahanga, muvyamamaze, mushinge ibendera; muvyamamaze, ntimubihishe, mut’ I Babuloni haratsinzwe, ikigirwamana Beli kiratēterewe, Merodaki kiravunaguritse; ibishushanyo vyaho biratēterewe, ibigirwamana vyaho biravunaguritse.


Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


Mushinge ibendera mu gihugu, muvuze inzamba zitabaza mu mahanga, mwiteguze amahanga arwane na ho, mukoranirize hamwe abami b’i Ararati n’i Mini n’i Ashikenazi kuharwanya; mushinge umugabisha wo kuhagomorera; mudūze amafarasi nk’inzige zishinze urwoya.


bati Mutonde urugamba tumurwanye; ni mukūre hasi tudūge ku murango w’amaminangohe. Bat’ Ewe turagowe, kuk’ umusi ukuze, kand’ ibitūtu vy’ubgīra bikaba bimaze ibihugu!


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega si wewe navuze mu bihe vya kera, mvugiye mu basavyi banje b’Abisirayeli navugisha, bābūye imyaka myinshi mur’ ico gihe, yukw ari wewe nzorungika kubatera?


Kenyera witegure, mwe n’ibitero vyawe vyose bikoraniye ah’ uri, ubabere umugabisha.


Ku vy’abavugishwa bazimiza abantu banje, bagasemerera, bati N’amahoro, iyo bagize ico babugunyīra, arik’ ūtagize ico ashira mu kanwa kabo bitegura kumurwanya; ibi ni vyo Uhoraho avuga kuri bo,


kandi nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ ivy’ igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kuko nzoba nkoranije amahanga yose ngw atere i Yerusalemu; umurwa uzotsindwa, amazu asahurwe, bafate abagore babende ku kagōbēro; igihimba c’abo ku murwa bazojanwa ar’ inyagano, arikw amasigarira ntazokūrwa kur’ uwo murwa.


Maz’ Uhoraho azokwisidukira, arwane n’ayo mahanga, nk’uko yahora arwana mu ntambara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ