Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega si wewe navuze mu bihe vya kera, mvugiye mu basavyi banje b’Abisirayeli navugisha, bābūye imyaka myinshi mur’ ico gihe, yukw ari wewe nzorungika kubatera?
Ku vy’abavugishwa bazimiza abantu banje, bagasemerera, bati N’amahoro, iyo bagize ico babugunyīra, arik’ ūtagize ico ashira mu kanwa kabo bitegura kumurwanya; ibi ni vyo Uhoraho avuga kuri bo,