Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Namwe abahungu banyu n’abakobga banyu nzobagura n’ab’i Buyuda, na bo bazobagura n’abantu b’i Sheba, ihanga rya kure: kukw ari jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:8
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

maz’ Abasabeya barazinyaze, barazitwaye: mbere n’abungere babaririkishije inkota; ni jewe jenyene ndokotse wo kuza kubikubikira.


Abami b’i Tarushishi n’abo ku bizinga vyo mu kiyaga bazozana amashikanwa, Abami b’i Sheba n’ab’i Seba bazogorora ingorore.


abahungu b’abāguhahaza bazoza bakubite inkoro hasi imbere yawe, n’abāgukēngēra bīkubite imbere y’ibirenge vyawe, bakwite Umurwa w’Uhoraho, Siyoni h’Uwera w’Abisirayeli.


Yamar’ abo bose bakurya na bo bazoribga; abarwanizi bawe bose, umuntu wese muri bo, bazojanwa ar’ inyagano; abākugize umunyagwa na bo bazonyagwa, abākunyaga bose nzobagira inyagano.


Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.


Maz’ urwamo rw’ishengero ryidibamiye rwahōga aho muri; kandi hamwe n’abantu ba nyarucari hazanywe n’ababorewe bavuye mu bugaragwa; babambika mwempi imiringa ku maboko, n’ibitsibo vyiza mu mitwe.


Ab’i Sheba n’ab’i Dedani n’abadandaza b’i Tarushishi n’abahambaye nk’ imigunza y’intambge baho bose, bazokubaza, bati Mbeg’ uzanywe no gusahura? Wakoranije ico gitero cawe kunyaga iminyago, no gutwara ifeza n’izahabu, no kwishorerera amasho no gutwara ibintu, no kunyaga iminyago myinshi?


Umwe yoshoboye ate gukinagiza igihumbi, Na babiri kwirukana ibihumbi cumi, Iyo ca Gitandara cabo atabagura, Iy’ Uhoraho atabagabura?


Uburake bg’ Uhoraho buca buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’ abanyazi, barabanyaga, abatanga mu maboko y’abansi babo babakikije, bituma batagishobora guhagarara imbere y’abansi babo.


Uhoraho abagabura mu maboko ya Yabina umwami w’i Kanani, yaba i Hasori; kand’ umugabisha w’ingabo ziwe yari Sisera, yaba i Harosheti‐ha‐goyimu.


Aramwishura, ati Nuko tuzojana: yamara rer’ urwo rugendo uzogenda ntiruzotuma ushirwa hejuru, kuk’ Uhoraho agiye kuzogabura Sisera mu maboko y’umugore. Nuko Debora ava hasi, ajana na Baraki i Kedeshi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ