Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 kand’ abantu b’i Buyuda n’ab’i Yerusalemu ko mwābaguze n’Abagiriki, kugira ngo mubakūreho, baje kure y’igihugu cabo:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:6
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ab’i Yavani n’ab’i Tubali n’ab’i Mesheki na bo bādandaza nawe: bāshōra abagurano n’imbombovu z’ivyakozwe mu miringa bakabikāba ivyawe.


Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere.


Namwe abahungu banyu n’abakobga banyu nzobagura n’ab’i Buyuda, na bo bazobagura n’abantu b’i Sheba, ihanga rya kure: kukw ari jewe Uhoraho mbivuze.


Kuko mfoye Buyuda nk’umuheto, Efurayimu ndamushize mu ruge; kand’ abana bawe, Siyoni we, nzobateranya n’abana bawe Bugiriki we; nzoguhindura nk’inkota y’umuhizi.


Abahungu banyu n’abakobga banyu bazonyagwa bahabge irindi hanga, amaso yanyu azokwama areretse, ahere mu nzira burinde bgira, kubgo kubakumbura, ata co mushobora gukora.


Kand’ Uhoraho azobasubiza muri Egiputa muri mu māto, mujanye ya nzira nababarira, nti Ntimuzosubira kuyibona ukundi; mushitseyo muzokwishōra mu bansi banyu, ngo mube abagurano n’ abaguranokazi, ariko ntimuzobona uwo kubagura.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ