Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ko mwāsahuye amafeza yanje n’amazahabu yanje, ibintu vyanje vyiza vy’igikundiro mukabijana mu nsengero zanyu z’ibigirwamana;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:5
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yowasi umwami w’i Buyuda aca yābīra ivyatanzwekw inyegu vyose, ivyo ba sekuruza Yehoshafati na Yehoramu na Ahaziya abami b’Abayuda bāri bāratanze, n’ ivyo yatanzekw inyegu na we ubgiwe, n’ivy’ amazahabu vyose vyari mu bubīko bgo mu ngoro y’ Uhoraho, n’ivyari mu ngoro yiwe ubgiwe, abihongera Hazayeli umwami w’i Siriya; nuko Hazayeli arahindukira, areka Yerusalemu.


Kandi Ahazi yābīra amafeza n’amazahabu yari mu ngoro y’Uhoraho, n’ayari mu ngoro yiwe ubgiwe, ayarungikira umwami w’i Ashuri kw ishikanwa.


Asahura ibitunzwe vyose mu ngoro y’Uhoraho, bo n’ivyo mu ngoro y’umwami, amenagura n’ ibintu vyose vy’imbombovu vy’ izahabu vyari mu rusengero rw’ Uhoraho, ivyo Salomo umwami w’Abisirayeli yari yaracurishije, nk’uk’ Uhoraho yavuze.


Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Nuko rero, mu misi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntibazoba bakirahira uguhoraho kwanje, jewe Uhoraho, ko nakūye Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa,


Ni mwumve ingene bahunga, bacika bava mu gihugu c’i Babuloni, ngo bamamaze i Siyoni uguhōra kw’Uhoraho Imana yacu, uguhōra yahōye urusengero rwiwe!


Mukarishe imyampi, mubangirize inkinzo: Uhoraho yagayambije imitima y’abami b’Abamedi; kukw imigabo yagīriye i Babuloni n’ukuhageseza: kukw ar’ uguhōra kw’Uhoraho, uguhōra yahōye urusengero rwiwe.


None vuga, ubabarire, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe, nzorangaza imva zanyu, mbadūze muve mu mva zanyu, mwa bantu banje; kandi nzobashikana mu gihugu c’i Bgisirayeli.


Ariko mu gishingo cazo azokwubaha imana y’amaboma; mber’ imana ba sekuruza batigeze kumenya azoyubahisha kuyishikanira izahabu n’ifeza n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’ibintu vy’igikundiro.


Ariko ku musozi Siyoni hazoba ubukiriro, kandi hazoba hēra; ab’ inzu ya Yakobo bazokwiganzira ivyabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ