Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mbega twapfuye iki, ga yemwe ab’i Tiro n’i Sidoni, namwe ababa mu ntāra zose z’i Bufilisitiya? None har’ ico munyīhōra? Erega namba mugomba kunyīhōra, ukwo kwīhōra kwanyu nzonyarutsa vuba kukubasubiza ku mitwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:4
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Uhoraho ahagurukiriza Yehoramu Abafilisitiya bo n’ Abarabo bahereranye n’Abanyetiyopiya;


Yemwe Bufilisitiya bgose, nta co munezerezwa n’ukw inkoni yabakubita ivunitse; kuko mu gishitsi c’inzoka hagiye kuvamw’ imvuvyi, kand’ uruvyaro rwayo ruzoba inzoka iguruka y’ubumara buturira.


Kuk’ uwo musi ari wo wo guhōra kw’ Uhoraho, n’umwaka wo kubasubiriza mu nkōko ku vyo bāgiriye Siyoni.


Azobasubiriza mu nkōko ibihwanye n’ ivyo bakoze; abarwanizi biwe abasubize uburake, n’abansi biwe abīhōre, kandi n’ababa ku kiyaga azobasubiza inyishu.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Yeremiya ūvugishwa n’ Imana ku vy’Abafilisitiya, Farawo ataratera i Gaza.


kuk’ umusi ugira uze wo kuzonyagwako kw’Abafilisitiya bose, wo kuzorandura umutabazi wese azoba agisigaye muri Tiro n’i Sidoni: kuk’ Uhoraho azonyaga Abafilisitiya, n’amasigarira yo ku kizinga co mu kiyaga citwa Kafutori.


Ni muhunge muve hagati muri Babuloni, umuntu wese yunzūre amagara yiwe; ntimuranduranwe na ho, muzira ibigabitanyo vyaho, kukw ar’ igihe c’uguhōra kw’Uhoraho, agira ahasubirize mu nkōko.


Imbere yabo isi iratigita, n’ijuru rigahinda agashitsi; izuba rigacura umwiza bo n’ukwezi, kandi n’inyenyeri zigaca zireka kwaka.


n’umusi w’umwiza n’umuzimagiza, n’umusi w’ibicu n’ibipfungu; nk’uk’ umutwenzi utambikira ku misozi, ni kw ihanga rihambaye kandi rikomeye ritumbutse. Ntihigeze kuboneka irimeze nka ryo, kandi no hanyuma nta rizobaho nk’iryo, uhereye none, ukageza kw iherezo ry’ibihe.


At’ Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba barihannye kera, bakambara amagunira, bakīsīga iminyota.


Ariko ndababgire: muri Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha mwebge.


Uzobona ibara, Korazini; uzobona ibara, Betsayida; kukw ibikomeye vyakorewe muri mwebge iyo biba vyarakorewe muri Tiro n’i Sidoni, baba bārihannye kera, bicaye bambaye amagunira, bīsīze umunyota.


Ariko muri Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha mwebge.


None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya?


Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko Igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk’ umusi w’ivyago vyabo uri hafi, Kand’ ibigira bibazeko bizotebuka.


Kukw ar’ ibigororotse ku Mana kwishura amarushwa abayabatera,


Maze Yefuta atuma intumwa ku mwami w’Abamoni, muti Ngo Mupfa iki, gitumye umukūriye hasi, ukaza gutera igihugu ciwe?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ