3 Kandi bāgabanganishije abantu banje ubupfindo, umuhungu bakamutanga kw impēra ya maraya, n’ umukobga bakamugura vino ngo bīnywere.
Erega mwonapfindira impfuvyi, N’umukunzi wanyu mwomugura.
Ab’i Yavani n’ab’i Tubali n’ab’i Mesheki na bo bādandaza nawe: bāshōra abagurano n’imbombovu z’ivyakozwe mu miringa bakabikāba ivyawe.
Ni mwikangure, yemwe mborerwa, murire; namwe abakāmīra vino, muboroge, muririre vino ziryoshe, kuko zikūwe mu kanwa kanyu.
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abisirayeli, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāguze umugororotsi amahera, n’umukene bakamugura inkweto.
Kuri wa musi wari wihagarariye urāba utw’ ininga, umusi ab’ akavantara bāsahura ibintu vyiwe, abanyamahanga bakamūzira mu marembo, bagapfindira i Yerusalemu, nawe wari nk’uwo muri bo.
Ariko hāranyazwe, hajanwa ar’ inyagano; n’ibibondo vyaho vyāhondaguriwe mu mayirabiri yose: n’abanyacubahiro baho bābagabanganishije ubupfindo, n’abahambaye baho bābabohesheje iminyororo.
n’ibisosa vyitwa mudarasini, n’imbazi, n’imibavu, n’amavuta amota neza, n’isenga, na vino, n’amavuta ya elayo, n’ifu isetse neza, n’ingano, n’inka, n’intama, n’amafarasi, n’imikogote, n’imibiri y’abantu n’ubugingo bgabo.