Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:2
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku musi ugira kane bakoranira mu kiyaya c’i Beraka, bahashimira Uhoraho; ni co catumye aho hantu hitwa Ikiyaya c’i Beraka gushitsa na bugingo n’ubu.


Kuk’ Uhoraho azocira abantu bose amateka, ayacishe umuriro n’inkota yiwe, kand’ abazokwicwa n’Uhoraho bazoba ari benshi.


Kuko nzi ibikorwa vyabo n’ ivyiyumviro vyabo. Igihe kigiye kuza nzokoranya amahanga yose n’ab’ indimi zose; bazoza babone ubgiza bganje.


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, ku vy’ababanyi banje bose babi, bīhaye ku manyama ishamvu neguriye abantu banje b’Abisirayeli, nt’ Ehe nzobashika mbakūre mu gihugu cabo, kand’ inzu ya Yuda nzoyibashikura.


Ijwi ryavyo rizoshika no ku mpera y’isi; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’amahanga, azobūrana n’abariho bose; kand’ abanyavyaha azobagaburira inkota, ni k’Uhoraho agize.


Ku vy’Abamoni. Uku ni k’ Uhoraho agize, ati Mbega Isirayeli nta bahungu afise? Nta samuragwa agira? None n’iki gituma ikigirwamana Malukamu ari co cegukiye Gadi, n’abantu baco baba mu bisagara vyaho?


Abisirayeli n’intama zisābagiye; intambge zarabasanzaje: umwami w’i Ashuri ni we yabanje kubarotsa, ubuheruka Nebukadineza uyo, umwami w’i Babuloni, yabajanjaguye amagufa.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Abanyamowabu n’ab’i Seyiri ko bavuga, bat’ Ereg’ inzu ya Yuda ihwanye n’iz’ ayandi mahanga yose;


Intama zanje zayerereye ku misozi yose, no ku gasozi kose karekare; mber’ intama zanje zāsābagiriye mw isi yose; kandi nta warushe azirondera canke ngw azibariritse.


Ko wagize ngw Ayo mahanga ukw ar’ abiri n’ivyo bihugu ukw ari bibiri bizoba ivyawe, ngo Ni mwe muzovyiganzira; nanje Uhoraho ari yo nari:


Nuko mwana w’umuntu, menyesha imisozi y’i Bgisirayeli ibizoba, uti Yemwe mwa misozi y’i Bgisirayeli, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho.


mbere, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ukuri mvuganye ifuhe rimeze nk’umuriro ku vy’ayandi mahanga no ku vy’Abanyedomu bose bīhaye igihugu canje kw inyegu, bari n’ umunezero wuzuye imitima, n’ akagaye kose ko mu mushaha, ngo bagitange gisahurwe.


Nzomushitsakw iteka namuciriyeko, ndamuhanishe ikīza no kuvishwa amaraso; kandi we n’ingabo ziwe n’ amahanga menshi ari kumwe na we, nzobarekurirakw imvura y’ isegenya, n’imināna y’urubura, n’ umuriro n’amazuku.


Kur’ uwo musi nzoha Gogi aho guhambga mu Bgisirayeli, mu kiyaya co ku nzira y’abahita, ku ruhande rw’ikiyaga rw’i burasirazuba, bitume abahita babura aho baca; aho ni ho bazohamba Gogi n’isinzi ryiwe ryose: maze bazocita Ikiyaya c’isinzi rya Gogi.


Amahanga ni yikangure, adūge, aje mu kiyaya ca Yehoshafati: kukw ari ho nzovyagira, ngacira amatēka amahanga yose yo hirya no hino.


Ewe masinzi n’amasinzi ari mu kiyaya kizorundurirwamw’ imanza! Kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi, ah’ imanza zizorundurirwa mu kiyaya!


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.


Ariko ntibazi ivyiyumviro vy’Uhoraho, canke ngo batahure imigabo yiwe, yuko yabakoranirije hamwe nk’imikama irunze ku mbuga.


Nuko rero, ni mundorēre, ni k’Uhoraho agize, gushitsa ku musi nzohaguruka nja kunyaga: kuko nagabiye gukoraniriza amahanga hamwe, negeranye ibihugu, ngo mbasukek’ ubushangashirwe bganje, ni bgo burake bganje bgose bg’inkazi: kukw isi yose izotongōrwa n’umuriro w’ifūhe ryanje.


Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.


kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.


Zibakoraniriza ahantu hitwa Haru‐Magedoni mu Giheburayo.


Bavishije amaraso y’abera n’ay’ abavugishijwe nawe, kand’ amaraso nyene ni yo ubahaye ngo banywe: birababereye.


azosokoroka aje kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngw ayakoranirize hamwe ku ntambara, igitigiri cabo ni nk’umusenyi wo ku kiyaga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ