Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Maze kur’ uwo musi, imisozi izojējēta vino ziryoshe, n’uturambi dutembe amata, kand’ imigezi yose y’i Buyuda izosendanisha amazi; kand’ isōko izotoboka iva mu ngoro y’Uhoraho, inyoshe ikiyaya c’i Shitimu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:18
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibirenge vyanje bigitonyanga ivuta, Ubgato bgimbge mu gitandara bukinsendanishiriza amavuta ya elayo!


Harih’ uruzi, amazi yarwo anezereza umurwa w’Imana, Ni wo hēra har’ amahema y’ Isumba vyose.


kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.


Ku gisozi cose gishizwe hejuru no ku musozi wose muremure hazoba amasōko n’imigezi y’amazi, ku musi wo gutōtōra abantu rwose, ah’ iminara izosidukira.


Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’ impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe: kukw amazi azodudubiriza ahagadutse, imigezi itembere mu bugaragwa.


Kuko nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe:


Mwa majuru, murekure ukugororoka kuve mw ijuru, n’ikirēre kigucuncubure: isi yasame, itengengerekw agakiza, ikamezanye n’ukugororoka: ni jewe Uhoraho nabiremye.


Yemwe abafise inyota, ni muze ku mazi, kandi n’ūdafise amahera na we n’aze; ni muze mugure, murye: ni mugure vino n’amata, mudatanze amahera cank’ ibiguzi.


kugira ngo mwonke, muhāge amaberebere y’ibihahūmuriza, mugutanye munezererwe icubahiro caho c’umureto.


Bazoza baririmbire ku mpinga y’i Siyoni, bazohondogana bose hamwe, baja ku vyiza vy’Uhoraho, ni vyo ngano na vino n’amavuta n’imyagazi y’imikuku n’inyana z’amasho. Imitima yabo izomera nk’indimiro ikwegewemw’ umwuzi; nta ho bazogira umubabaro ukundi.


Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke imigabo Balaki umwami w’i Mowabu yīgīriye, n’ico Balamu mwene Beyori yamwishuye; mwibuke n’ivyabaye uhereye i Shitimu ukageza i Gilugali, kugira ngo mumenye ivy’ ubugororotsi nakoze, jewe Uhoraho.


Kandi kur’ uwo musi amazi y’ubugingo azova i Yerusalemu; amazi amwe azotembera mu kiyaga c’i burasirazuba, ayandi mu kiyaga c’i burengerazuba. Bizoba birtyo mu ci no mu mvura.


Abisirayeli batebeye i Shitimu, abantu batangura gusambana n’Abanyamowabukazi:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ