Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:17
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ni bo bonyene bāhawe igihugu, Nta n’umunyamahanga yaca muri bo:


Kand’ i Salemu ni ho hema ryayo, I Siyoni ni ho buvyagiro bgayo.


Uhoraho aba i Siyoni mumuririmbire ishimwe; Mukwize mu mahanga ibikorwa vyiwe.


ati Numvise imyidodombo y’ Abisirayeli; non’ ubabarire, uti Kur’ uyu mugoroba murarya inyama, kandi mu gitondo muzorya umutsima, muhāge: uti Muzoca mumenya kw ari we Uhoraho Imana yanyu.


Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ ibiryana cank’ ivyica; kuko kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


Kandi hazobay’ inzira y’iroro, iyo nzira izokwitwa Inzira Yera. Abanduye imitima ntibazoyicamwo, arikw izoba iy’ abantu biwe. Abayicamwo, naho hobamw’ ibijuju, ntibazozimira.


Maz’ ūzoba asigaye i Siyoni, n’ūzoba asigaye i Yerusalemu, umuntu wese yanditswe mu bakiriho b’i Yerusalemu, azokwitwa uwera,


nīgije hafi ukugororoka kwanje, ntikuzoba kure; n’agakiza kanje ntikazotebagana; kandi nzoshira ako gakiza i Siyoni kubga Isirayeli, ni we cubahiro canje.


Ikangure, ikangure, wambare inkomezi zawe, ewe Siyoni; ambara imyambaro yawe ishajije, ewe Yerusalemu wa murwa wera; kuk’ uhereye none muri wewe hatazoshika ūtākebge cank’ igihumane.


abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje: kukw ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Bazosubira ukundi gusha kuvugira aya majambo mu gihugu c’i Buyuda no mu bisagara vyaho, ni nasubira kubagarukana mbakūye mu kinyago, bat’ Uhoraho n’aguhezagire, wewe i wabo w’ubugororotsi, wewe musozi wera.


Kand’ umwonga wose uhambgamw’ imivyimba ugatābgamwo n’umunyota, n’indimiro zose ukarinda ushitsa ku mugezi Kidironi, ugashitsa no ku mfuruka y’irembo ry’amafarasi aherekeye i burasirazuba, hose hazoba ahēra h’ Uhoraho; ntihazokwongera guhomvorwa ngo hasangangurwe gushitsa ibihe bidashira.


Kuko ku musozi wanje wera, ari wo musozi muremure w’i Bgisirayeli, ni k’ Umwami Uhoraho agize, ari ho ab’ inzu ya Isirayeli bose, n’abari mu gihugu bose bazoza kunsaba: aho ni ho nzobākīrira neza, ni ho nzobatumira amashikanwa, n’umushuzo w’imperezwa zanyu, n’ ibintu vyanyu vyose vyejejwe.


Kandi ngira mbashirekw imitsi, mbazanekw inyama, mbarenzek’ urukoba, mbashiremw’ impwemu, nuko muraba bazima; kandi muramenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Iki ni co cagezwe c’iyo ngoro: mw itāba ry’uwo murwa, ah’ urugabano rwayo ruyikīkūje hose rugarukira, hazoba hēra cane. Eh’ ico ni co cagezwe c’ingoro.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nta munyamahanga atakebge mu mutima no ku mubiri, azokwinjira ahēra hanje, w’umunyamahanga wese ari mu Bisirayeli.


Kuhakikuza n’amatambge ibihumbi cumi n’umunani y’ukuboko uciriye mu nkokora: kand’ uhereye uwo musi izina ry’ico gisagara rizokwitwa ng’ Uhoraho ni ho aba.


Azoshinga amahema yiwe y’ ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza; yamar’ ageze ku musi w’iherezo ryiwe nta wuzomutabara.


Bgirukiro, ndakwinginze, kubg’ ukugororoka kwawe kwose, kūra uburake bgawe bg’inkazi ku murwa wawe Yerusalemu umusozi wawe wera; kuko kubg’ ivyaha vyacu n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza bacu, Yerusalemu n’abantu bawe vyahindutse agatukisha ku badukikije bose.


Nuko muzomenya yuko ndi hagati mu Bisirayeli, kandi ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ata yindi iriho; n’ukuri abantu banje ntibazokwongera kumāramāra.


Kandi nzohōra amaraso yabo ntaribgahōre: kuko jewe Uhoraho mpangamye i Siyoni.


kand’ abacumbagira nzobasigazaho babe amasigarira, n’abari baraciwe mbahindure ihanga rikomeye; maze jewe Uhoraho nzobaganza ndi ku murwa Siyoni, uhereye aho ugashitsa ibihe bidashira.


Rāba ku misozi ibirenge vy’ ūzanye inkuru nziza, akāmāmaza ivy’ amahoro! Buyuda we, ni witondere imisi mikuru yawe, ushitse amasezerano yawe: kuk’ umunyakibi atazosubira guca hagati muri wewe: arahenebereye rwose.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera.


Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ