Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:16
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho n’igitandara canje, n’ubuhungiro bganje, n’ umurokozi wanje, N’Imana yanje, n’igitandara canje gikomeye, ni we nzohungirako; Ni we nkinzo yanje, n’ihembe ry’agakiza kanje, n’umunara wanje wo guhungiramwo.


Uhoraho azoha abantu biwe inkomezi, Uhoraho azoha abantu biwe umugisha w’amahoro.


Kuko wambereye ubuhungiro, N’igihome kirekire kinkīngira umwansi.


Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.


uwo ni we azoba ahataramutse hejuru, ahantu hiwe ho kwikinga hazoba igihome c’ amabuye; azohabga ivyo kurya bimutunga, kandi n’amazi ntazoyabura.


Arik’ Uhoraho azohabana natwe afise icubahiro, azotubera inzūzi zagutse n’imigezi, ah’ ata bgato buzosozwa, ata n’imasuba ihambaye izohaca.


Uhoraho azoja gutera nk’umuhizi, arwanane ishaka nk’intōre mu ntambara: azobīrahira, mber’ azobīvuga n’ijwi rirenga; abansi biwe azobagirira ibikomeye.


Kandi nshize amajambo yanje mu kanwa kawe, ngutwikirije igitūtu c’ukuboko kwanje, kugira ngo ngaranzure ijuru risha, nshireh’ amatanguriro y’isi nsha, mbarire ab’i Siyoni, nti Mur’ abantu banje.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


Ntumbere ikinca ivutu: ni wewe buhungiro bganje ku musi w’ivyago.


Kuko navuganye ifuhe n’ uburake bgaka umuriro, nti N’ ukuri, kur’ uwo musi hazoba ugutigita gukomeye mu gihugu c’i Bgisirayeli;


Bazogenda bankurikira jewe Uhoraho, nivuga nk’intambge: mbere nzokwivuga, maz’ abana bazoza bahinda agashitsi, bavuye i burengerazuba.


Nuko yaravuze, at’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; maz’ amaragiro y’abungere azosigara aganya, no ku gatwe k’i Karumeli hazokwuma.


Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?


Uhoraho ni mwiza, n’ubuhungiro bgo ku musi w’amagorwa; kand’ arazi abamwizigira.


Hasigaye rimwe, maze mu gihe gitoya ngatigitisha ijuru n’isi n’ikiyaga n’i musozi;


kandi nzohindisha amahanga yose agashitsi, kand’ ivy’ igiciro vyo mu mahanga yose bizoza, nanje nzokwuzuza iyi ngoro ubgiza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Nzobaha gukomezwa nanje Uhoraho, na bo bazogendagendera mw izina ryanje, ni k’Uhoraho agize.


Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva.


Ni muhindukirire igihome gikomeye, mwa mbohe ziri n’ivyizigiro: no kur’ uyu musi ndababgira ukuri yuko nzobashumbusha ibihetangabo kabiri.


Ijwi ryayo ryanyiganyigije isi ico gihe: ariko noneh’ irasezeranye, iti Hasigaye rimwe, ngatigitisha, s’isi gusa, ariko n’ijuru na ryo.


Uwo mwanya isi iratigita, ikigiracumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi ndwi, abarokotse baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ ijuru.


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Habah’ imiravyo n’amajwi n’imituragaro, habaho no gutigita kw’isi guhambaye; nta gutigita kunganya n’ukwo ubuhambazi no gukomera kwigeze kubaho, uhereye ah’ abantu bākabereye kw isi.


Ereg’ Inyenkomezi y’Abisirayeli ntibesha, kandi ntiyīrīmbūra, kukw atar’ umuntu ngw ize yīrīmbūre.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ