Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ewe masinzi n’amasinzi ari mu kiyaya kizorundurirwamw’ imanza! Kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi, ah’ imanza zizorundurirwa mu kiyaya!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:14
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami Imana azomutwenga, Kukw abona yuk’ umusi wiwe urik’ urashika.


Umve ukwo guhinda kw’igugu ku musozi, nk’ukw’ igitero gikomeye! Umve urwo rwamo rw’amahanga y’abami akoraniye hamwe! Uhoraho Nyen’ ingabo arikw arakoranya ingabo azitegurira intambara.


Imbūri yo ku kiyaya c’ ukwerekwa. Noneh’ ubaye ute, abantu bawe bose ko būriye ku mazu hejuru?


Ewe wa musi mubi! Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, muvugirize induru ku musozi wanje wera; ababa mu gihugu bose bahinde agashitsi: kuko wa musi w’Uhoraho uje, ushitse hafi;


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


Amahanga ni yikangure, adūge, aje mu kiyaya ca Yehoshafati: kukw ari ho nzovyagira, ngacira amatēka amahanga yose yo hirya no hino.


nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.


Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’ urihuta; umusi w’Uhoraho, guhinda kwawo kurumvikana; umuhizi araborogana intuntu.


Mwirinde za mbga, mwirinde za nkozi z’ibibi, mwirinde bamwe bīkebagura.


arikw amajuru y’ubu, bo n’isi, iryo jambo ryabibīkiye kuzosha, kugira ngo birindwe gushitsa ku musi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ