Nīganishije mu bgato nd’umwe; mu bantu bo mu mahanga yose nta n’umwe twari kumwe; n’ukuri nabaganishije ibirenge mu burake bganje, mbanyukuza ubushangashirwe bganje; kand’ amaraso yabo yatarukiye ku myambaro yanje, impuzu zanje zose zirayoberana.
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Umukobga ari we Babuloni ameze nk’imbuga iy’ ikubita rigeze; hasigaye igihe gito igihe co kwimburwa kikahashikako.
Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ūkivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kand’ afise umuhoro ukarishe mu kuboko.