Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ni musohore imihoro, kukw iyimbura rigeze! Ni muze mugane, kuk’ ubgato bguzuye, kand’ amāto akaba abōgabōga; kukw ibibi vyabo ari vyinshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:13
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ Abanyesodomu bār’ abanyavyaha, bacumura k’Uhoraho birengeje urugero.


Kand’ abuzukururuza b’abazojayo ni bo bazogaruka ino: kuko kugabitanya kw’ Abamori kutaruzura.


Maz’ Uhoraho aravuga, at’ Induru zir’i Sodomu n’i Gomora kw ari nyinshi, kand’ ivyaha vyaho bikaba vyabaye ikirenga,


Bizoba nk’uk’ umugenyi yegeranya ingano zeze, agatuma ukuboko agenya imihuruhumbi; mbere bizoba nk’ūrikw arahūmba uduhūmbga mu kiyaya c’i Refayimu.


Nīganishije mu bgato nd’umwe; mu bantu bo mu mahanga yose nta n’umwe twari kumwe; n’ukuri nabaganishije ibirenge mu burake bganje, mbanyukuza ubushangashirwe bganje; kand’ amaraso yabo yatarukiye ku myambaro yanje, impuzu zanje zose zirayoberana.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Umukobga ari we Babuloni ameze nk’imbuga iy’ ikubita rigeze; hasigaye igihe gito igihe co kwimburwa kikahashikako.


Umwami Imana yatītūye abahizi banje bose bāba i wanje; Yarungitse abaza kungirirak’ umusi mukuru ngo bafyonyagure imisore yanje: Umwami Imana yahonyanze umukobga w’inkumi w’i Buyuda, nk’ūganira vino mu bgato.


Kandi nawe, Yuda, urindirijwe igihe c’iyimbura, igihe nzogarukana abantu banje bajanywe ar’ inyagano.


Umwansi yarubivye ni wa Murwanizi. Igenya n’umuhero w’isi. Abagenyi n’abamarayika.


Maz’ imirima yeze, aca ayitemesha umuhoro, kukw igihe c’ishwābūra kigeze.


Muze muharūre amasabato ndwi; muyaharūre muhereye igihe mutanguriye guha amahonda umuhoro.


Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ūkivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kand’ afise umuhoro ukarishe mu kuboko.


Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ