Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Amahanga ni yikangure, adūge, aje mu kiyaya ca Yehoshafati: kukw ari ho nzovyagira, ngacira amatēka amahanga yose yo hirya no hino.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 3:12
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku musi ugira kane bakoranira mu kiyaya c’i Beraka, bahashimira Uhoraho; ni co catumye aho hantu hitwa Ikiyaya c’i Beraka gushitsa na bugingo n’ubu.


Uhoraho we, hagurukana uburake bgawe, Wisidukire kurwanya ubushangashirwe bg’abarwanizi banje, Ni wikangurire kuntabara: ni wewe washinze urubanza.


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze, Agira aze gucira abari mw isi imanza, Azocira abari mw isi imanza zibereye, N’amahanga nk’ukw ar’ umwizigirwa.


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze gucira abari mw isi imanza: Azocira abari mw isi imanza zigororotse, N’amahanga izibereye.


Azocira imanza amahanga, atātūre amoko menshi; inkota zabo bazozivunjamw’ amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’ inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.


Imbūri yo ku kiyaya c’ ukwerekwa. Noneh’ ubaye ute, abantu bawe bose ko būriye ku mazu hejuru?


Uhoraho ahagurukijwe no kubūrana, kand’ ahagurukijwe no gucira amahanga imanza.


Koko uwo musi uri hafi, mber’ umusi w’Uhoraho uri hafi, n’umusi wo gufurangana; igihe c’abanyamahanga kizoba kigeze.


Kur’ uwo musi nzoha Gogi aho guhambga mu Bgisirayeli, mu kiyaya co ku nzira y’abahita, ku ruhande rw’ikiyaga rw’i burasirazuba, bitume abahita babura aho baca; aho ni ho bazohamba Gogi n’isinzi ryiwe ryose: maze bazocita Ikiyaya c’isinzi rya Gogi.


Ewe masinzi n’amasinzi ari mu kiyaya kizorundurirwamw’ imanza! Kuk’ umusi w’ Uhoraho uri hafi, ah’ imanza zizorundurirwa mu kiyaya!


nzokoraniriza hamwe amahanga yose, mbamanukane mu kiyaya ca Yehoshafati; ni ho nzobavuganiriza, mbūrana abantu banje, ni bo shamvu yanje Abisirayeli, abo bāsābagirije mu mahanga, bakīgaburira igihugu canje.


Azocira imanza amoko menshi, ahane amahanga akomeye ya kure; inkota zabo bazozivunjavunja bazicuremw’ amasuka, n’amacumu bazoyavunjavunja bayakūremw’ inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.


Kur’ uwo musi azohagarika ibirenge ku musozi Elayono werekeye i Yerusalemu ahahera i burasirazuba; uwo musozi Elayono uzotemukamwo kubiri uhereye aherekeye i burasirazuba ugashitsa aherekeye i burengerazuba; uzocikamw’ uruhomoka runini cane; igihimba c’uwo musozi kizokwikumira i burārūko, ikindi cikumire i bumanuko.


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ