Icompa agakiza k’Abisirayeli kakaba kaje kava i Siyoni! Uhoraho ni yasubizay’ ubgoko bgiwe bgajanywe ar’ inyagano, Ni ho aba Yakobo bazohimbarwa, Abisirayeli bakanezerwa.
ariko bazorahira uguhoraho kwanje jewe Uhoraho ko nakūye Abisirayeli mu gihugu c’i burārūko, no mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye: kandi nzobagarukana mu gihugu cabo nahaye ba sekuruza.
Uku ni ko ndabivuze, jewe Uhoraho, nti Rāba nzotuma abo mu mahema ya Yakobo bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ngirire ikigongwe amazu yabo; kand’ igisagara kizokwubakwa mu bitongozi vyaho, n’ ingoro isubire kumera nk’uko yahora.
Kukw imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzotuma abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzotuma bagaruka mu gihugu nahaye ba sekuruza, baciganzire.
Nanje nzotuma bahindukira bave mu ngoyi zabo, ni bo Sodomu n’ abakobga biwe bari mu ngoyi, na Samariya n’abakobga biwe bari mu ngoyi, bo n’abawe b’imbohe bari mu ngoyi hagati muri bo;
Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.