Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kwiginagura kwabo, wumva umengo n’uguhinda kw’imikogote y’intambara ikwegwa n’amafarasi ku mpinga z’imisozi, kand’ umengo n’uguhinda kw’imbeya z’umuriro zitōngōra ibirararara; bameze nk’ ingabo z’inkomezi zitonze urugamba mu ntambara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:5
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni wewe wayihaye gusimba nk’inzige? Erega gufuha kw’amanyama kwayo guteye ubgoba.


Nukw abantu bakwiragira mu gihugu cose ca Egiputa kwironderera udushingweshingwe mu mwanya w’ibiganogano.


Kand’ Uhoraho azotuma ijwi ryiwe ry’icubahiro ryumvikana, azokwerekana ugukubita kw’ukuboko kwiwe mu bushangashirwe bg’uburake, no mu rubeya rw’umuriro utongora, no mu gusegenyuka kw’imvura n’ ikirura n’imināna y’urubura.


Nuko rero, nk’ukw ibirimi vy’umuriro bitongora ibirararara, kandi nk’uk’ ubgatsi bgumye bunyikira mu muriro, ni kw igishitsi cabo kizoba nk’ikibore, n’amashurwe yabo azotumuka nk’umukungugu: kuko bāgaye ivyagezwe vy’Uhoraho Nyen’ ingabo, bagakēngēra ijambo ry’Uwera w’Abisirayeli.


Bābiriye imiheto n’amacumu; ni ba ruburakigongwe, nta mbabazi bagira; ijwi ryabo ribomborana nk’ikiyaga, kandi bagendera ku mafarasi; bāzira mu rugamba icarimwe, nk’ umuntu umwe, kugira ngo bagutere, ewe mukobga Babuloni.


Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kand’ azokubūra imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.


Kandi zari zifise ibikīngira ibikiriza, bimeze nk’ivyuma, guhinda kw’amababa yazo kwari kumeze nk’uguhinda kw’imikogote ikwegwa n’amafarasi menshi yiruka ija mu ntambara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ