30 Nzoshira utwumiza mw ijuru no mw isi: amaraso n’umuriro no gupfūndūka kw’umwotsi.
yerekeza amaso ahahera i Sodomu n’i Gomora n’igihugu cose ca ca kiyaya, aritegereza, abona imyotsi y’ico gihugu ipfūndūka nk’ imyotsi y’itanure.
Uriya ni nde, adūga avuye mu bugaragwa Ameze nk’umwotsi upfunduka nk’inkingi, Atāmirana isenga n’imibavu, N’ibimota neza vyose vy’ ibidandazwa?
Kubg’ ivyo isi izogandara, n’ijuru ryiraburanirwe: kuko mbivuze, kandi mbimaramaje, sinzokwigarura canke ngo nihindukize.
Kur’ uwo musi ntihazoba har’ umuco utamanzuye, ntihazoba n’ ikibūnda:
Hanyuma y’ayo marushwa y’ico gihe, uwo mwanya izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n’inyenyeri zizokoragurika zive kw ijuru, n’ivy’ inkomezi vyo mu majuru bizonyiganyizwa.
Kand’ isi izonyiganyiga cane henshi, kandi hamwe‐hamwe hazotera amapfa, hatere n’ikīza, habeho n’ibiteye ubgoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw ijuru.
Ab’ i Hayi bagize ngo barasubiza amaso inyuma, babona imyotsi y’ico gisagara idūze intumbgejuru, bituma bananirwa guhunga, babura epfo na ruguru; maze ba bandi bāri bīgize nk’abahungira mu bugaragwa barabahindukirana.
kandi bakirāba umwotsi wo kuyigizwa kwaco barataka, bati N’ikihe cari gihwanye na kiriya gisagara gihambaye?
Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe,
Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.
Ikimenyetso Abisirayeli bāri bāhānye n’abāri mu bico n’uko ni bāturira igisagara, umwotsi mwinshi ugapfūndūka,
Arik’ umwotsi utanguye kudūga utwaje uva mu gisagara, Ababenyamini ni kwo gukebuka, bakabona igisagara cose gipfūndūka umwotsi udūga intumbgejuru.