Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Umuriro ugenda urayigiza imbere yabo, kand’ inyuma yabo hasigara harāka ibirimi vyawo: imbere yabo igihugu kimeze nka rya tongo ryo muri Edeni, na ho inyuma yabo hasigara ar’ ubugaragwa bg’ibitongozi; eka nta wuzobakira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:3
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Loti yunamura amaso, yitegereza ikiyaya cose co kuri Yorodani, abona ko har’ibigera vy’amazi hose. Uhoraho atararandura Sodomu na Gomora, ico kiyaya cari kimeze nka rya tongo ry’ Uhoraho, canke nk’ igihugu ca Egiputa ugiye werekeye i Sowari.


Uhoraho Imana atunganya itongo muri Edeni, mu ruhande rw’i burasirazuba: arishiramw’ uwo muntu yabumvye.


Imana yacu izoza, kandi ntizocereza: Imbere yayo umuriro uzotongora, Izokikizwa irya n’ino n’inkūbi y’umuyaga.


Umuriro umwitangira imbere, Uyigiza abarwanizi biwe impande zose.


Zizimanganya igihugu cose, bituma igihugu gicura umwiza; zirya icameze cose mu gihugu, n’ivyamye ku biti vyose, ivyo rwa rubura rwashigaje: mu gihugu cose ca Egiputa ntihasigara ikintu na kimwe gitotahaye, naho coba igiti cank’ ikindi cose cameze ku gahinga.


zizimanganye igihugu, umuntu ntashobore kubona hasi: zizorya ivyasigaye vyakize, ivyo rwa rubura rwabasigarije, zirye n’igiti canyu cose cameze ku gahinga.


Ni we yahindura isi nk’ubugaragwa, agakomvomvora ibisagara vyo muri yo, ntarekure abāfashwe mpiri ngo basubire i wabo?


Kukw amazi y’i Nimurimu azokama, ubgatsi bgaho buzokwuma, ubgatsi butotahaye bubure, ntihazomera ikintu na kimwe kibisi.


Bazovumbura iminyago mwanyaze nk’ukw inzige zivumbura, bazoyigwako nk’uk’ ubuyige bg’intōteza bugwa.


Kuko jewe Uhoraho namaze Siyoni umubabaro; namaze umubabaro imisaka yaho yose, kand’ ubugaragwa bgaho nabugize nka Edeni, n’ubgeranyange bgaho nabugize nk’itongo ryanje, jewe Uhoraho; hazobonekamw’ umunezero n’uguhimbarwa, bo n’ishimwe n’ijwi ry’inanga.


Kukw ibigabitanyo biturira nk’umuriro, utongora imikere n’amahwa, ukadomeka n’ibisaka vyo mw ishamba, bigacika umwotsi wipfundikanya utwaje intunda hejuru.


Uburake bg’Uhoraho Nyen’ ingabo ni bgo butumye igihugu gitongoka: abantu na bo bakamera nk’inkwi z’umuriro; nta wugirira akagongwe mugenzi we.


Bazorya ivyimburwa vyanyu n’ivyo kurya vyanyu, ivyo abahungu banyu n’abakobga banyu boriye; bazorya imikuku yanyu n’amasho yanyu; bazorya imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu; kand’ ibisagara vyanyu vyubakiwe inzitiro, ivyo mwishimira, bazobisanganguza inkota.


Bazovuga, bat’ Iki gihugu cahoze ar’ imisaka gihindutse nka rya tongo ryari muri Edeni; kand’ ibisagara vyari bicitse amatongo n’imisaka bigasanganguka, none bikikijwe inzitiro, bibamw’ abantu.


Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, Umwami Uhoraho yahamagaye umuriro ngw awucishe amateka; ufyeta i bgina hahambaye, kandi wagira utōngōre n’igihugu.


Kukw ehe rāba, ngira nkakamure Abakaludaya, rya hanga ry’inkazi kandi ry’inkuba, bagenda batera isi iyo iva ikagera, bakikeberezako ingo zitar’ izabo.


ariko nzobasābagirisha agashururu, baje mu mahanga yose batīgeze kumenya. Uko ni kw igihugu kizosigara ar’ amatongo bakivuyemwo; ntihagire umuntu n’umwe aba akihaca cank’ agisubirayo: kukw igihugu c’igikundiro bāri bagihinduye amatongo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ