Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Nuko muzomenya yuko ndi hagati mu Bisirayeli, kandi ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ata yindi iriho; n’ukuri abantu banje ntibazokwongera kumāramāra.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:27
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana iri hagati muri wo, ntuzonyiganyizwa; Imana izowutabara mu mutwenzi w’amacāca.


Uradūze, uja iyo hejuru, ujanye iminyago, Uhērewe ingabire hagati y’ abantu: Mbere uzihērewe hagati y’ abagarariji na bo, kugira ng’ Uhoraho Imana abane na bo.


Muhindukire kubgo kwihanikiriza kwanje: Rāba, nzosuka impwemu yanje kuri mwebge, Nzobamenyesha amajambo yanje.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


Kuko nzosuka amazi ku gihugu gifise inyota, n’imigezi kw isi yumye; nzosuka Mpwemu wanje ku ruvyaro rwawe, n’umugisha wanje ku buzukuruza bawe:


Mwoye gutinya canke guhagarika imitima: kera sinabibabariye nkabiserura? Namwe mur’ ivyabona vyo kunshingira intahe. Har’ iyindi Mana atari jewe? Mbere nta kindi gitandara kiriho: jewe nta co nzi.


Uku ni k’Uhoraho agize, uwaremye amajuru, ni we Mana; uwabumvye isi akayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngw ibek’ ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu: ati Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.


Ni jewe Uhoraho, nta wundi; atari jewe nta yindi Mana iriho. Nzogukenyeza nah’ utigeze kummenya,


kugira ngo bamenye uhereye i burasirazuba ugashitsa i burengerazuba yukw ata yindi atari jewe: ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi.


Mwibuke ivyabanje kubaho kera; kukw ari jewe Mana, ata yindi; ni jewe Mana, nta yindi duhwanye.


Kand’ abami bazokubera ba se babakurerera, n’abamikazi babo bazokubera ba nyina babakwonkereza; bazokwikubita imbere bubamye hasi, barigate umukungugu wo ku birenge vyawe; nawe uzomenya ko nd’ Uhoraho, kand’ abanyiteze ntibazomāramāra.


Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isābagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremēka ukugabitanya kwacu twese.


Kandi ngira mbashirekw imitsi, mbazanekw inyama, mbarenzek’ urukoba, mbashiremw’ impwemu, nuko muraba bazima; kandi muramenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Uko ni kw ab’ inzu ya Isirayeli bazomenya yuko nd’ Uhoraho Imana yabo, uhereye uwo musi no mu bihe bizokurikiraho.


Maze bazomenyeshwa yuko nd’ Uhoraho Imana yabo, n’uko natumye bajanwa mu mahanga ar’ inyagano, ngatako nkabakoraniriza hamwe mu gihugu cabo bgite; kandi sinzosubira kugira n’umwe muri bo nsigayo,


canke ngo nongere kubahisha mu nyonga hanje; kuko nzoba nasutse Mpwemu wanje ku nzu ya Isirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kandi muzorya, mute akabi, muhimbaze izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakoreye ibitangaza: kand’ abantu banje ntibazokwongera kumāramāra.


Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.


Kandi nzohōra amaraso yabo ntaribgahōre: kuko jewe Uhoraho mpangamye i Siyoni.


Kur’ uwo musi ntuzokwongera gutēterezwa n’ibikorwa vyawe vyose, ivyo wagenda uncumurako: kukw ico gihe nzoba ngukūyemw’ abihayagiza bībona, kandi nawe ntuzokwongera kwishira hejuru ku musozi wanje wera.


Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu,


Ehe nzoyabangurirak’ ukuboko kwanje, kand’ azohinduka inyagano z’abāyashumbiye: ni ho muzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ari we yantumye.


Mose aramubaza, ati Ni jewe ufitiye ishaka? Icompa abantu bose b’Uhoraho bakaba abavugishwa na we, Uhoraho akabashirakw impwemu yiwe!


Nta bigabitanyo ibonye mu ba Yakobo, Nta bugoryi ibonye mu Bisirayeli: Uhoraho Imana yabo ari kumwe na bo, Muri bo hasēserezwa impundu z’Umwami.


Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


kuk’ Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati y’aho mushagaje, kugira ngw abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu; ni co gituma aho mushagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugira ngo ntaz’ ababonemw’ ikintu na kimwe giteye ishishi, akarora irya, akabata.


Kuko mu vyanditswe harimw’ aya majambo, ngo Rāba, ndashira i Siyoni ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe, riri n’igiciro, Kand’ ūryizera ntazomāramāzwa.


Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ