Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yoweli 2:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kandi muzorya, mute akabi, muhimbaze izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakoreye ibitangaza: kand’ abantu banje ntibazokwongera kumāramāra.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yoweli 2:26
41 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko ndakwinginze, akīra iyo ngabire nkurungikiye; kukw Imana yangiriye ubuntu, kandi mfise ibimpāgije. Aramugōbēra, aravyākīra.


Batsinda ibisagara bikomeye bifise inzitiro z’amabuye, bashikīra n’intāra zimera cane, binjira n’amazu yuzuye ivyiza vyose, bashikīra n’ ivyobo vyimbiwe kubīka amazi, n’imirima y’imizabibu n’iy’ imyelayo, n’ibindi biti vyama vy’isinzi, bararya barahāga baravyibuha, bidibamira mu vyiza vyose wabahaye.


Agahāza ubukambge bgawe ivyiza, Agatuma usubira mu busore busha bumeze nk’ubg’ inkukuma.


Mutima wanje, subira mu buruhukiro bgawe; Kuk’ Uhoraho yakugiriye neza.


Ndaririmbira Uhoraho, Kuko yangiriye neza.


Abaciye bugufi bazorya bahāge, Abarondera Uhoraho bazomuhimbaza: Imitima yanyu irambe ibihe vyose.


Ntibazokwicwa n’isoni mu gihe c’ivyago, Mu misi ya kigoyi bazohāzwa.


Mana, amoko agushime, Amoko yose agushime.


Uhoraho Imana, ni yo Mana y’Abisirayeli, ihimbazwe; Ni yo yonyene ikora ibitangaza:


Umugororotsi ararya, umutima ugahāga, Arikw inda z’abanyakibi zamana inzara.


Ndashitse mu murima wanje, mushikanje, mugeni wanje. Nomoroye isenga yanje ku giti, navuvuye imibavu yanje, Nariye ibinyagu vyanje n’ ubūki bganje, Nanyoye vino yanje n’amata yanje. Ni murye, bagenzi, Ni munywe, mbere ni munywe muhimbishwe n’ urukundo.


Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yanje; nzogushira hejuru, ntazire izina ryawe; kuko wakoze ibitangaza, ivyo wagabiye uhereye kera, ur’ uwo kwizigirwa n’uw’ ukuri.


None rer’ Uhoraho, ari we yacunguye Aburahamu, uku ni kw avuze ku vy’inzu ya Yakobo, ati Yakobo ntazokwongera gutētērwa, kandi mu maso hiwe ntihazosubira kubgerabgera.


Arikw Abisirayeli bazokizwa n’Uhoraho, abakirishe agakiza kadashira: ntimuzotētērwa, canke ngo mumāramāre, no gushitsa ibihe bitazoshira.


Kand’ abami bazokubera ba se babakurerera, n’abamikazi babo bazokubera ba nyina babakwonkereza; bazokwikubita imbere bubamye hasi, barigate umukungugu wo ku birenge vyawe; nawe uzomenya ko nd’ Uhoraho, kand’ abanyiteze ntibazomāramāra.


Nta co utinya, kuk’ utazotētērwa; ntumāramāre, kukw isoni zitazokwica; kuk’ uzokwibagira isoni wagize mu buto bgawe, n’umugayo wo mu bupfakazi bgawe ntuzowibuka ukundi.


N’iki gituma mutanga amahera kugura ibitar’ ivyo kurya nyakuri? N’iki gituma mukorera ibidahāza? Mugire umwete wo kunyumvira, ni ho muzorya ivyiza, ubugingo bganyu bunezererwe ibishashagira.


Kand’ ico gihugu kizokwimbuka, muzokwama mu gahimbo, mube muri co amahoro.


Ni navuna inkoni mwegamiye, ari yo vyo kurya vyanyu, abagore cumi bazoderenganiriza mu ziko rimwe, botsa udutsima, bazosigara babagaburira udutsima twa mugerwa: murye ututabahāgije.


Igihe canyu c’isekura kizorinda gishitsa mw iyimbura ry’inzabibu, iryo yimbura na ryo ririnde rishitsa mw ibiba: muzokwama mu gahimbo, mwībēre mu gihugu canyu ata nkomanzi.


Uzorya ntuhage, uhorane ikigoyi mu nda; ivyo uzonyuruza ntuzobikiza, kandi n’ivyo wokijije nzobigaburira inkota.


Kur’ uwo musi ntuzokwongera gutēterezwa n’ibikorwa vyawe vyose, ivyo wagenda uncumurako: kukw ico gihe nzoba ngukūyemw’ abihayagiza bībona, kandi nawe ntuzokwongera kwishira hejuru ku musozi wanje wera.


Uhoraho Nyen’ ingabo azobakīranira; bazoyogeza, basiribange amabuye atewe n’umugozi; bazoromozwa n’amaraso basāmūke nk’ababorewe vino: bazokwuzura amaraso nk’ inzavya, bahinduke nk’inkokora z’igicaniro.


Ewe ineza yiwe ukuntu ari nyinshi, n’ubgiza bgiwe ukuntu ari bginshi! Ingano zizotera abasore itōto, n’umutobe wa vino utotahaze abigeme.


Kukw ivyanditswe bivuga, ng’ Ūmwizera wese ntazoterwa n’isoni.


ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’ urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twāhawe.


nk’uko handitswe, ngw Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, urutare rugwisha, Kand’ uwizera uyo ntazoterwa n’isoni.


N’amasho yanyu azoyamereza ubgatsi mu matongo yanyu, kandi muzokwama mu gahimbo.


muheze munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge, kukw Abalewi ata mugabane cank’ ishamvu bafise muri mwebge.


Ariko muze mubirīre imbere y’Uhoraho Imana yanyu aho hantu azoba yātoranije, mubisangire n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge; muze munezererwe ibikorwa vyose mwakoze, ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu.


az’ abe ari ho murīra imbere y’Uhoraho Imana yanyu, abe ari ho munezeranwa n’ abo mu ngo zanyu, munezererwa ibikorwa vyose mwakoze, ivyo Uhoraho Imana yanyu yabahēreyemw’ umugisha.


Muzokwama mu gahimbo, mushimire Uhoraho Imana yanyu igihugu ciza yabahaye.


Wihanize abatunzi bo mu vy’ iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe;


Na none bana bato, mugume muri we, kugira ngo ni yahishurwa tuze dushire ubgoba, ntidutētererwe imbere yiwe ah’ azozira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ